Ibihugu vya EAC biriko vyihweza nimba Somalia ikwiye kwinjira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Somalia yerekanye intambwe ikomeye mu rugamba rwayo rwo kurondera kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC) nk’igihugu kigira umunani.
Ejo ku wa gatatu, uwu muryango watanguye igikorwa co kwihweza nimba iki gihugu kigeze kwakirwa muri EAC.
Abahinga bava mu bihugu indwi bigize uyu muryano bitezwe ku mugwa mukuru Mogadishu mu ndwi iza mu ntumbero yo kwihweza aho iki gihugu kigeze mu kwubahiriza ibisabwa kugira ngo cemererwe kwinjira muri uwu muryango.
Abategetsi bo hejuru bavuye muri Kenya, Sudani y’Epfo, Urwanda, Uburundi, Uganda, Tanzania na Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo bazokwihweza ibijanye n’amategeko, poritike, imigambi y’iterambere ibikorwa remezo, ibijanye n’amahoro n’umutekano hamwe n’ibindi.
Inyuma y’aho mu mwaka uheze RD Congo yakiriwe muri uwu muryango, Somalia iripfuza cane kwinjira muri EAC, ikavuga ko itagishaka kuba “igitsitaza”, ko ahubwo ishaka gutanga intererano yayo biciye mu rudandaza, uburimyi, ibikorwa vyo mu mazi (Économie bleue/Blue economy) n’ibindi bisata.
Iki gihugu co mw’ihembe rya Afrika cararondeye kwinjira muri EAC mu 2012 ariko biranka.
Perezida Hassan Sheikh Mohamud yasubiriye gusaba kwinjira muri uyu muryango muri Mukakaro (7) 2022 mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yabereye muri Tanzania aho yari yatumiwe nk’umushitsi w’iteka.
Uyo murwi w’abahinga uhejeje ico gikorwa co kwihweza aho igihugu kigeze, uzoca utanga icegeranyo c’ivyo wabonye ugishikirize inama y’abashikiranganji, aba nabo bakazoca bakirungikira abakuru b’ibihugu kugira ngo bacihweze mu nama yabo yitezwe mu mpera za Ruhuhuma (2) 2023.












