Amerika igiye ironka umukuru w’inama nshingamateka ku ncuro ya 15 y’amatora

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kevin McCarthy ahavuye aronka amajwi akwiye yo kurongora inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe inyuma y’impari zikomeye zahatswe kwandurukamwo imishamirano hagati ya bagenziwe b’aba Repubulika.
Vyasavye incuro 15 z’amatora kugira ngo McCarthy atsindire ico kibanza, n’aho umugambwe wiwe ufise intebe nyinshi muri iyo nama nshingamateka.
Bibaye inyuma y’igitsure catewe ku mushingamateka yari yigumuye Matt Gaetz asabwa gutora McCarthy, mbere bikerekanwa ikibiriraho.
Uyu mushingamateka wo mu ntara ya Floride/Florida ari mu bashingamateka batandatu bahavuye bemera gufata umurongo bigoranye mu masaha yitereye yo ku wa gatanu.
Imbere y’aha, mu gihe c’impari zikomeye mu nama nshingamateka, Gaetz yahatswe gushiranako n’umushingamateka Mike Rogers asanzwe ashigikiye McCarthy. Uyo mushingamateka wo mu ntara ya vyabaye ngombwa ko bagenziwe bamufata igihe yarakara ashaka kuzibura urutoke Gaetz.
Umukuru w’inama nshingamateka niwe agena ivyihwezwa mw’ikoraniro ry’inama nshingamateka kandi niwe ahagararira ibikorwa vyayo.
Ni we aza ubwa kabiri inyuma y’icegera c’umukuru w’igihugu mu butegetsi bw’igihugu havuye umukuru w’igihugu.
Amaze kwemezwa , McCarthy yanditse kuri Twitter ati: "Ndizeye ko hari ikintu kimwe cigaragaje inyuma y’ino ndwi: Sinzokwigera ncika intege. Kandi ku bwanyu, Abanyamerika, sinzokwigera ncika intege”.
Perezida Joe Biden wa Amerika yakeje McCarthy ku ntsinzi yiwe, anamwemerera ko azokorana n’umugambwe w’Abarepubulika.
Ati: "Abanyamerika biteze ko abarongozi babo bazorongora igihugu bashize inyungu zabo ku ruhande, ico ni co dukeneye gukora ubu”.
Abarepubulika baramaze kwiyemeza gukora amatohoza ku bikorwa vy’ubucuruzi vy’umuryango wa Perezida Biden ndese no ku butegetsi bwiwe.
Avugana n’abanyamakuru inyuma y’aya matora McCarthy yashimiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Donald Trump, avuga ko yamufashije kugira ngo yegeranye amajwi ya nyuma yari abuze.
Ati: “Si nibaza ko hari uwokekeranya ku ruhara rwiwe. Yari kumwe nanje kuva ku ntango…yarampamagara akongera agahamagara n’abandi”.
Abashingamateka bakuru bakuru bo mu mugambwe w’aba-Democrats bagiriza McCarthy ko yaneshejwe n’uruhande rugendera ku vyiyumviro bikaze rwo mu mugambwe wiwe.
Bagereranya ivyabaye n’umugumuko wabaye ku ngoro y’amakoraniro ya Capitol Hill ukozwe n’abanywanyi ba Trump barondera kuburizamwo iyemezwa rya Biden nk’umukuru w’igihugu, haraciye neza na neza imyaka ibiri.
Umushingamateka Eric Swalwell yanditse kuri Twitter ati: “Mu myaka ibiri iheze, abagumutsi barananiwe no kwigarurira Capitol. Uno musi, Kevin McCarthy yabaretse barigarurira umugambwe w’Abarepubulika”.
Hagati aho, inkehwa z’aba-Democrats bobo bagumye inyuma y’indongozi yabo mu rurani ntamenwa, umushingamateka wa New York Hakeem Jeffries, umwirabure wa mbere arongoye umurwi w’abashingamateka b’umugambwe mu nama nshingamateka.
Ni bwo bwa mbere kuva mu 1860, igihe intambara yo muri ico gihugu yariko iregereza, inama nshingamateka ikoze amatora incuro nyinshi mu kurondera umukuru wayo. Ico gihe, habaye amatora incuro 44 kugira ngo aboneke.
Mu matora yo mu kw’icumi na rimwe, Abarepubulika batsindiye inama nshingamateka ku majwi ari hasi cane y’ayo bari biteze, 222 kuri 212. Ni mu gihe aba-Democrats nabo bagumanye inama nkenguzamateka.










