US-Republicans: Uwatowe mu bushingameteka George Santos yemeye ko yabeshe kuri CV yiwe
Na Chris Giles
BBC News

Ahavuye isanamu, EPA
Umushingamateka aherutse gutorwa mu mugambwe w’aba Republicains muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika George Santos yasavye imbabazi inyuma yo kwemera ko yabeshe ku bijanye n’amashure yize hamwe n’akazi yakoze.
Santos, yatowe mu ntara ya New York, yabwiye ikinyamakuru New York Post ati: “Ibicumuro vyanje ngaha vyaryoheje incamake [y’amashure nize n’akazi nakoze]. Ndasavye imbabazi.”
Yashimitse avuga ko atari “inkozi y’ikibi” hanyuma avuga ko ivyo bitazomuca intege mu kurangura amabanga yiwe y’imyaka ibiri muri Congress.
Ivy’uko yabeshe vyatanguye kuvugwa mu nkuru ya New York Post ku ndwi iheze.
Ico gihe umushingwamanza wa Santos yariyamirije yivuye inyuma ivyari vyanditswe ko yabeshe ko yize kaminuza n’aho yavuga ko yakoze, uwo mushingwamanza avuga ko ari “ukumbika iceyi” ne no “kwifatira mu gahanga”.
Yavuze igihe yariko ariyamamaza ko yari yarakoze mu makompanyi akomeye mu bucuruzi bw’amafaranga y'imitahe kw’isoko rya Wall Street, Goldman Sachs na CitiGroup.
Ariko Santos yabwiye New York Post ko “atigeze akorera mu buryo butaziguye” kompanyi n’imwe muri izo, yemera ko kwabaye “ugihitamwo nabi amajambo’’[yo gukoresha].
Uwo mugabo w’imyaka 34 yavuze ko mu vy’ukuri yakoreye kompanyi yitwa Link Bridge, nk’icegera c’umukuru wayo, aho hari ivyo bakorana n’ivyo bihangange vyompi.
Yemeye kandi ko atigeze aja mw’ishure rya kaminuza, n’ubwo imbere yaho yari yavuze ko yaronse urupapuro ry’umutsindo rw’ishure rya kaminuza rya New York Baruch College mu 2010.
‘’Nta shure kaminuza na rimwe nigeze mpezako. Ndamaramara kandi ndicuza kuba narasize amashurwe incamake [y’ivyo nize n’ivyo nakoze]’’, niko yavuze. ‘’Aho ndemeye ko nahakosheje… Hari ibintu bitarivyo dukora mu buzima’’.
Santos yatowe kwinjira muri Congress ku wa 8 Munyonyo mu ruhande rw’aba Republicains.
Uwo bahiganywe ku ruhande rw’aba-Democrates, Robert Zimmerman, yanditse kuri Twitter ko Santos yemeye kuba ari umubehsi hanyuma avuga ko ategerezwa kubibazwa n’ubushikiranganji bw’ubutungane.
Mu yindi tweet yavuze ko Santos akwiye ‘’gutanga imihoho hanyuma akaza tugahiganwa mu matora adasanzwe’’ hanyuma ‘’uje imbere y’abatora na kahise kawe k’ukuri’’.
Santos yabwiye New Yok Post ati: ‘’Nitoje mvuga ibiraje ishinga abanyagihugu, sinavuga incamake [y’ivyo nize canke nakoze]… Nshaka gukora kugira nshike ku vyo nemeye igihe nariko ndiyamamaza.’’
Uko ibintu bihagaze, bitegekanijwe ko azorahira ku wa 3 Nzero, hamwe n’abandi bashasha bagiye kwinjira muri Congress.’’












