Bishasha ku ntambara ya Ukraine n'Uburusiya

Intambara muri Bakhmut

Ahavuye isanamu, Reuters

Yatangajwe

Mu gihe abarongoye OTAN/NATO bari mu mubonano uno musi, ingabo z’Uburusiya zivugwa ko zaraye urukurikirane rw’ibisasu vya muzinga mu gitero gishasha.

Ibi bitero vy’Uburusiya vyishe abantu batatu bikomeretsa n’abandi basivire indwi ejo, nk’uko amakuru abivuga.

Mu ntara ya Kherson, abasivire babiri barishwe batatu barakomereka, nk’uko bivugwa n’abarongoye iyi ntara babicishije ku rubuga rwa Telegram.

Bavuga ko ingabo z’Uburusiya zacucagiye ibisagara n’ibigwati bigenzurwa na Ukraine incuro 154 zikoresheje vya bikoho binini binini vyo mu bwoko bwa MRLS (Multiple Launch Rocket System) , vya muzinga, ibimodoka ntamenwa hamwe n’ibisasu vya mortiers.

Igisagara ca Kherson – gisanzwe gituwemwo n’abanya-Ukraine 289.000 - catewe incuro 13.

Mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine, umusivire umwe yarishwe abandi batatu barakomereka, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iyi ntara Pavlo Kyrylenko ciye ku rubuga rwa Telegram.

Mu ntara ya Dnipropetrovsk – ari nayo irimwo Dnipro, igisagara kigira kane mu bunini muri Ukraine - umusivire umwe yarakomeretse mu gisagara ca Nikopol.

Indege z’Ubuholande zafashe indege ya gisirikare y’Uburusiya hejuru ya Pologne

indege

Ahavuye isanamu, Getty Images

Indege z’intambara z’Ubuholande zabonye indege ya maneko y’Uburusiya hamwe n’izindi zibiri z’intambara zari zavogereye ikirere ca Pologne hanyuma zica “ziraziherekeza gushika zisubire inyuma”, nk’uko bitangazwa na reta y’Ubuholande.

Igisirikare c’Ubuholande kirwanira mu kirere, Royal Dutch Air Force, nico kijejwe ibikorwa vyo gucungera ikirere ca OTAN muri Pologne.

Ni bwo bwa mbere ibintu nk’ibi bibaye kuva Uburusiya butanguye intambara muri Ukraine.

Izi ndege zari zivuye mu karere k’Uburusiya ka Kaliningrad kari ku mweha wa Baltic, hagati y’ibihugu vya Pologne na Lithuania biri mw’ishirahamwe OTAN.

OTAN ni umwansi wacu kandi yama ibitwereka buri musi – Uburusiya

Uburusiya bwishuye mu majambo akomeye cane ku manama y’uno musi y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN, hamwe n’incuti za Ukraine ziva mu Burengero.

Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ivuga ko iri huriro ari "umwansi wacu…kandi buri musi ryama rivyerekana”.

Uburusiya bugabisha ko ukwiyongera kw’ibirwanisho OTAN iha Ukraine bizotuma intambara imara igihe kirekire – kandi ko bishobora gutuma ibintu vyunyuka.

Ari imbere y’abamenyeshamakuru, umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yavuze kandi ko OTAN “iriko iragerageza uko ishoboye kwose kugira ngo uruhara rwayo mu ntambara kuri Ukraine rwigaragaze uko bishobka kwose”.

Twunze ubumwe ku buryo butari bwigere bubaho, niko Austin avuga

Austin

Ahavuye isanamu, Reuters

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amaze kwerekana zimwe mu mfashanyo n’inyigisho za gisirikare ziheruka guhabwa Ukraine, umunyamabanga wa Reta ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin, yavuze ko intumbero ya OTAN atari gusa gutanga ibikoresho, ko ari kandi gukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine ihabwe ubushobozi buhagije kandi bw’igihe kidahera.

Yavuze ku kamaro ko kubandanya bashigikiye Ukraine, maze yongerako ati: "Kremlin iracibaza ko ishobora kuzoturindira gushika turuhe”.

Avuga kw’isabukuru y’umwaka urangiye intambara itanguye, yongeyeko ati: "Inyuma y’umwaka umwe, twunze ubumwe ku buryo butari bwigere bubaho”.

"Haraciye umwaka Putin yibaza ko mu misi iri ku rushi ingabo ziwe zari kuba zigaruriye Kyiv zigatembagaza ubutegetsi bwa Ukraine, yibaza ko amakungu yari kurera amaboko agatekereza”.

Ati: “Turi hamwe, tumaze gutanga imfashanyo yababa imiriyaridi 50 z’amadorari y’Abanyamerika kuva Uburusiya butanguye igitero cabwo”.

“Ugukorana kwacu twese turi kumwe kuriko kurerekana ubudasa mu gihe nyaco”.

Avuga ku kamaro k’izi mfashanyo OTAN iha Ukraine Austin agira ati: “Incuti za Ukraine ntizigeze zitezura, ni naco gituma Ukraine yatsinze intambara za Kyiv, Kharkiv na Kherson”.

Hagati aho, avuga ko n’aho “izi mfashanyo zose ziva ku bumwe bwacu no kugendera ku vyo twiyemeje, turacafise vyinshi dutegerezwa gukorera hamwe, kandi dukeneye gukomeza inshingano zacu”.

Yemereye iki gihugu gihanganye n’Uburusiya ko OTAN itazokwigera idohoka mu kukirungikira imfashanyo igihe cose bizoba nkenerwa.

Imbere yo kurangiza ijambo ryiwe, Austin yasubiye kubwira Uburusiya hamwe n’”ubutegetsi bw’agahotoro” – avuga ko OTAN itegerezwa guhagararira isi aho “amategeko afise ijambo”.

Ni mu gihe biboneka ko Ukraine ikeneye imfashanyo yihutirwa, nk’uko bivugwa na Dr Jenny Mathers, umwigisha mu bijanye na poritike mpuzamakungu kw’ishure kaminuza Aberystwyth University.

Ati: "Uburusiya na Ukraine vyompi bihanganye n’ingorane y’uburyo kuko iyi ntambara irimwo ibitero bikaze cane. Yongerako y’uko ubu hakenewe “uburyo bwinshi kandi bwihutirwa” kuko intambara zikomeye kuva muri zino ndwi za vuba.

Abajijwe ivyo Ukraine yoba ikeneye gusumba, avuga ko mu vy’ukuri ishobora kuba ikeneye “hafi vyose”, cane cane “kubera ihanganye n’umwansi yiyemeje intambara kandi afise abantu benshi ashobora kuronkamwo ingabo afise kandi n’ibirwanisho vyinshi”.

Mu gihe Uburusiya butanguye ico abategetsi ba OTAN babona ko ari igitero gishasha, biraboneka ko Ukraine ikeneye ibindi birwanisho kugira ngo ishobore kwihagararako.