Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Gundogan, Rashford, Semedo, Saliba, de Jong, Tielemans, Saka

Yatangajwe

Manchester City ifise ubwoba ko Ilkay Gundogan ashobora kuzokwimukira mu wundi murwi mu ci riza kuri gusa. Uyu mukinyi w’imyaka 32 w’umudagi akina hagati ntaremera amasezerano mashasha, mu gihe ayo asanzwe afitaniye n’uyu murwi azorangira mu kwa gatandatu. (Football Insider)

Manchester United irashaka gutunganya kazoza ka Marcus Rashford i Old Trafford imbere y’uko umwaka urangira kugira ngo izibire imirwi yohava imurondera. Uyu musatirizi w’umwongereza w’imyaka 25 azoba afise uburenganzira bwo kuvugana n’imirwi yomushaka mu kwa mbere kiretse ari nka hamwe yotera igikumu ku masezerano mashasha canke naho bagashira mu ngiro ingingo imurindiriza mu kiringo c’umwaka umwe. (Daily Mail)

Manchester United iripfuza kugura umwongereza Max Aarons w’imyaka 22 akina inyuma ku ruhande rw’i buryo muri Norwich kugira ngo ahiganwe n’umukinyi mpuzamakungu wa Portugal Diogo Dalot, w’imyaka 23; Jeremie Frimpong, umunya-Hollande w’imyaka 21 akina muri Bayer Leverkusen nawe kandi agashobora kwikorwako. (Sun)

Umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski, 34, avuga ko “amerewe neza kandi aryohewe” muri Barcelona, kandi ko kubona uyu murwi warananiwe no gushika mu gice c’umunani gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere (Ligue des champions/ Champions League) bizotuma muri kazoza bagira inguvu gusumba  (La Vanguardia – mu ki espagnol)

Arsenal ivugwa ko yarungitse mu ndwi iheze ba maneko kwihweza umunya-Brezili akina hagati muri Palmeiras Danilo, mu gihe aba ba gunners bipfuza kuzana uyu mukinyi w’imyaka 21 mu kwa mbere. (Sun)

Arsenal ivugwa kandi ko iri mu biganiro n’umunya-Uruguay akina ku ruhande Facundo Torres w’imyaka 22 asanzwe akinira Orlando City yo muri Amerika. (Evening Standard)

Manchester United iracipfuza umukinyi wo ku ruhande wa PSV Cody Gakpo w’imyaka 23, inyuma y’aho mu ci riheze uyu munya-Hollande habuze gato ngo ashike ku masezerano n’aba ba Red Devils. (GiveMeSport)

Chelsea iriko iraraba ko yorondera umukinyi w’inyuma wa Wolves umunya-Portugal Nelson Semedo w’imyaka 28, kugira ngo asubirire umwongereza aherutse kuvunika Reece James w’imyaka 22. (Express)

Umumenyereza wa Brighton Roberto de Zerbi aripfuza umukinyi w’inyuma w’umunya-Ukraine Mykola Matviyenko w’imyaka 26, umurwi wiwe Shakhtar Donetsk ukaba umushakako imiriyoni 17.2 z’amapawundi. (Athletic)

Umukinyi wo hagati wa Flamengo umunya-Brezili Joao Gomes w’imyaka 21 avuga ko Liverpool ari umurwi yipfuza gukinira, n’aho Real Madrid nayo nyene imuraba ryiza. (ESPN – mu giportugal)

West Ham ibandanya ikurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma ku ruhande wa Middlesbrough, umwongereza Isaiah Jones w’imyaka 23, asanzwe kandi ateye amero Crystal Palace. (GiveMeSport)

Ubwongereza bufise icizere ko umukinyi wo ku ruhande wa Arsenal  Bukayo Saka azoshobora gukinira igikombe c’isi yose inyuma yo kuvugana n’aba ba Gunners inyuma y’aho uyu mukinyi yanduriye imvune mu rukino rwo ku wa Mungu aho uyu murwi wirahiye Nottingham Forest 5-0. (Mail)

Umukinyi wo ku ruhande wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 25 yipfuza kwigumira muri uyo murwi wa Catalan n’aho Manchester United ibandanya imurondera. (Sport)

Juventus iripfuza kugura umunya-Serbia akina hagati Sergej Milinkovic-Savic w’imyaka 27, asanzwe akina muri Lazio be n’umutaliyano Alessandro Bastoni w’imyaka 23 asanzwe akina muri Inter Milan, mu ntumbero yo kurondera guhendahenda umumenyereza wa Tottenham Antonio Conte kugira agaruke mu murwi. (Calciomercato)

Arsenal yemereye umukinyi w’inyuma umufaransa William Saliba w’imyaka 21, amasezerano mashasha. (Athletic)

Leicester ntiriko yiyumvira kugurisha umubirigi akina hagati Youri Tielemans mu kwa mbere mu gihe amakuru avuga ko Arsenal icipfuza kugura uyu mukinyi w’imyaka 25. (90min)