Ukraine: Isi itegerezwa guhagarika umugambi wa nicleyere w'Uburusiya - Zelensky

Prezida Zelensky

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Zelensky aragabisha ko Uburusiya buriko buritegurira gukoresha ibigwanisho vya nicleyere
Yatangajwe

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko abategetsi b'Uburusiya batanguye "gutegura abanyagihugu babo" kw'ishobora gukoreshwa ry'ibigwanisho vya nicleyere.

Ariko yongeyeko ko atemeza ko Uburusiya bwiteguye kubikoresha.

Mu kiganiro yatanze kuri BBC, prezida Zelensky yahakanye kuba yarahamagariye kugira ibitero ku Burusiya, yemeza ko ivyo aheruka kuvuga babitahuye ukutariko.

Avuga ku bihano, yagize ati:"Mutegerezwa gutera imigere yo kwikingira, si ugutera."

Mu ndwi ziheze, igisirikare ca Ukraine carisubije uturere twinshi tw'igihugu mu bitero vyatumye abasirikare b'Uburusiya bata ibirindiro vyabo bari bamazemwo igihe.

Muco Ukraine yise inyishu y'Uburusiya ku gutsindwa, prezida Vladimir Putin yarigaruriye uturere tune twa Ukraine.

Ico gikorwa ciyamirijwe n'abantu benshi kuko kidakurikije amategeko, catumye haba ubwoba ko iyo ngwano imaze amezi indwi ishobora kwongerekana. Prezida Putin n'abandi bategetsi b'Uburusiyabavuze ko ibigwanisho vya nicleyere - bishobora kuba ari bito bito - bishobora gukoreshwa mu ntumbero yo gukingira utwo turere, n'aho abategetsi ba Buraya bemeza ko ata kimenyetso kihari cerekana ko Uburusiya bwiteguye kubikora.

Avugira mu biro vyiwe i Kyiv mu congereza, prezida Zelensky yagize ati:"Batanguye gutegura abanyagihugu babo. Birateye ubwoba.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ntibiteguye kubikora, kubikoresha. Ariko batanguye kubivugako. Ntibazi nimba bazobikoresha canke batazobikoresha. Nibaza ko biteye n'ubwoba kubivuga gusa."

Hanyuma mu ki Ukrainiya, yavuze, ariko arasubirwamwo n'umusemuzi:"Ivyo tubona n'uko abari ku butegetsi mu Burusiya bakunda iraha, rero nibaza ko ikoreshwa ry'ibigwanisho vya nicleyere atawoshoka avyemeza nk'uko abahinga bamwe babivuga, kuko barazi ko ata gusubira inyuma umaze kubikoresha, atari ku gihugu cabo gusa, ariko no kuri bo bo nyene nk'abantu."

Ariko yahakanye ko yahamagariye kugira ibitero ku Burusiya ku mbuga hwaniro ku musi wa kane, yemeza ko ijambo yakoresheje ryo mu ki Ukrainiya ryatahuwe nabi.

Ivyo yari yavuze vyatanguye kwiyamirizwa n'umuvugizi w'ibiro vya prezida mu Burusiya, Dmitri Peskov avuga ko "ari nk'akamo ko gutanguza intambara nshasha y'isi", mu gihe umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergueï Lavrov, yavuze ko bije kwerekana impamvu yumvikana yatumye Uburusiya butera Ukraine.

Inyuma y'uko gusubiramwo ivyo yavuze, Prezida Zelensky yagize ati:"bafashe [abarusiya] inzira bashaka, uko babona vyobagirira inyungu, baca batangura kubisigura babitumbereza mu zindi nzira."