Igisagara ca Lyman kiri mu minwe y’Uburusiya kiragoswe cose, niko Ukraine ivuga

Abasirikare ba Ukraine hafi ya  Lyman

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Ukraine hafi ya Lyman
Yatangajwe

Serhiy Cherevatyi, umuvugizi w’ingabo za Ukraine mu buseruko, avuga ko umurwi munini w’ingabo z’Uburusiya i Lyman "wagoswe" kandi n’uturere turi mu micungararo  y’iki gisagara ko twabohojwe.

Yabwiye imboneshakure yo muri Ukraine ati “ibiharuro dufise bitwereka ko ingabo z’Uburusiya ziri hagati ya 5000 na 5500 zari i Lyman”, ariko ko iki gitigiri ubu cagabanutse kubera “intambara ziheruka” aho abasirikare b’Uburusiya “benshi” bishwe canke barakomereka.

Cherevatyi avuga ko amayeri yose ingabo z’Uburusiya zakoresheje kugira zirabe ingene zokwigobotora “yanse”.

Avuga kandi ko mu gihe Lyman yoramuka ibohojwe n’ingabo za Ukraine yozifasha gutera zisatira Kreminna na Severodonetsk, vyompi bikaba ari ibirindiro kirumara ku ngabo z’abarusiya.

"Ni ikintu kandi gikomeye cane mu bikorwa vyacu kuko  - nk’uko Perezida Zelensky yabivuze ejo – ingabo za Ukraine ziratanguye gutegeko uko zishaka ko ibintu bimera – ntabwo ari ukwivuna gusa”.

Aheraheza avuga ko igikorwa ca gisirikare kitararangira.

Ibendera rya Ukraine ryabonetse rihungabana kw’irembo rya Lyman

Ibintu bigenda bihinduka ku muvuduko udasanzwe mu micungararo ya Lyman mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.

Hasohotse videwo isa n’iyerekana abasirikare ba Ukraine baduza ibendera rya Ukraine kw’irembo ry’iki gisagara, aho ibihumbi vy’ingabo z’Uburusiya zivugwa ko zugaraniwe.

Muri iyi videwo – yerekanywe n’umukuru w’ibiro vya Perezida Volodymyr Zelensky, Andriy Yermak – abasirikare babiri bumvikana bavuga mu rurimi rw’ikinya-Ukraine ngo: "[Uno musi] igenekerezo rya 1 Gitugutu. Turazinguruye ibendera ry’igihugu cacu turishize ku butaka bwacu.

"Lyman. Yose izoba iya Ukraine", niko bavuga, bashimira imirwi y’abarwanyi ba Ukraine.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Abarusiya basigaranye inzira zibiri gusa i Lyman – umutegetsi wa Ukraine

Ingabo z’Uburusiya muri aka karere zasavye abazirongoye ko zova muri ico gisagara – ariko aka kamo kamiriwe kure, nk’uko umutegetsi wo hejuru wa Ukraine abivuga.

Umukuru w’intara ya Luhansk Serhiy Haidai avuga ko ubu ingabo z’Uburusiya zisigaranye inzira zibiri gusa: Kugerageza kwicira inzira canke kwishikana.

Haidai yongerako y’uko amayira hafi yose yo guhunga canke kubashikanira vya nkenerwa nk’amasasu i Lyman ubu adahita.  

Hagati aho, ibi avuga ntibirashobora guhinyuzwa.

Ejo ku wa gatanu Denis Pushilin, umukuru w’intara ya Donetsk  yashizweho n’Uburusiya, yavuze ko  Lyman yari "yakikujwe igice " kandi ko ingabo z’Uburusiya zariko zirwanako “n’inguvu zazo zose zisigaranye”.

Kubera iki Lyman ari kirumara kuri Ukraine?

Lyman

Kuva bwigaruriye Lyman mu mpera z’ukwa gatanu, ingabo z’Uburusiya zahinduye iki gisagara kiri mu ntara ya Donetsk nk’ikirindiro gikomeye kizoshikiramwo ingabo zirungikwa ku rugamba hamwe n’ibikoresho vya gisirikare.

Iki gisagara kandi ni igituro gikomeye c’ibarabara ry’indarayi, rifatanya intara za Donetsk, Luhansk na Kharkiv mu buseruko no mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Ingabo z’Uburusiya zababa 5000 zishobora kuba muri uno mwanya zugaraniwe i Lyman,  kandi mu gihe Ukraine yoyibohoza rwoba ari urundi ruhombo rukomeye rwa gisirikare ku Burusiya kuva iyi ntambara itanguye ku wa 24 z’ukwa kabiri.

Vyofasha kandi ingabo za Ukraine gukubura burundu igice c’uburaruko bw’intara ya Donetsk no gutera zisugereza intara ya Luhansk bihana urubibe.

Ukraine ivuga ko ingabo zayo zamaze kwigarurira ibigwati bibiri biri mu micungararo ya Lyman.

Ubwongereza buvuga ko igisirikare c’Ubursiya caherewe n’amasasu

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu cegeranyo c’igendereza bwama butanga ku bijanye n’ingene ibintu bimeze muri Ukraine, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza buvuga ko ingabo z’Uburusiya “ata gukekeranya cane” zateye imodoka z’ubutabazi ejo – mu gitero Ukraine ivuga ko ciciwemwo abantu n’imiburiburi 30 bari mu modoka za gisivire.

Igisasu cakoreshejwe muri ico gitero cari “igisasu ca misire co gukingira ikirere kandi kirasa kure, kikaba cakoreshejwe mu bitero vyo hasi”, nk’uko itangazo ry’ubu bushikiranganji ribivuga.

Ryongerako y’uko ububiko bw’Uburusiya bw’ibisasu vyo muri ubu bwoko ari buto, ko rero ari ukubikoresha iyo bikenewe, mu gukorora indege canke za misire, hako bikoreshwa mu ntambara yo hasi.

Ubu bushikiranganji buvuga ko ikoreshwa ry’ibi bisasu ku mu ntambara yo hasi vyerekana ko amasasu ariko arahera, cane cane za misire zidahusha zirasa kure.

Iki gitero cabaye mu ntara ya Zaporizhzhia iherutse gutangazwa na Vladimir Putin ko ari igice c’ubutaka bw’Uburusiya, aho hri ejo.