Ubushuhe bwinshi buriko bwerekeza mu buraruko bwa Buraya

Ahavuye isanamu, AFP
Kuri uyu wa kabiri, uburengero bwa Buraya buhanganye n'ibipimo biri hejuru mu gihe ubushuhe burenze urugero buriko burerekeza mu buraruko.
Ubwongereza bwashize ku rugero rw'ubushuhe rutari bwigere ruboneka rushika ku 40,2 ° C nk'uko bivugwa n'ibiro bijejwe kugenzura ubushuhe 'Met Office' , na yo abajejwe ukugereranya ibirere bavuga ko ivyo bipimo bizobandanya kuduga.
Igabishwa ko hagiye kuba ubushuhe bw'umurengera ryarabaye mu Bufaransa mu gihe uburaruko bwa Espagne bwashitse ku bushuhe bupima 43 ° C (109 ° F) ku musi wa mbere.
Imiriro ikaze cane mu Bufaransa , muri Portugal, Espagne no mu Bugiriki yatumye abantu benshi bata izabo.
Abantu babiri barahitanywe n'umuriro mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bwa Espagne, i Zamora, itereni zikaba zahagaritswe kubera umuriro wegereye hafi y'ibarabara. Umuryango w'abantu babiri bubakanye bashaje bapfuye muri Potugal igihe bariko baragerageza guhunga.
Ibice vyinshi vy'Ubufaransa vyabayemwo ubushuhe bwinshi butari bwigere buboneka, aho nko mu gisagara ca Nante cashikane ibipimo 42C, nk'uko bivugwa n'ikigo kigenzura ubushuhe.
Uwo muriro w'amashamba wo muri iyi misi iheze watumye abantu barenga 30.000 bahunga, aho hategekanijwe n'ibibanza hashirwamwo abahungishijwe. Uruhongore rw'ibikoko 1000 ruri mu vyahungishijwe.
Gironde, akarere akarere gakunzwe cane n'abakerarugendo ko mu bumanuko bushira uburengero, karamerewe nabi cane, aho abagwanya umuriro bo mu Bufaransa bwose bariko baragwanya umuriro ufise urubeya rumaze guturira amahegitari 19.300 kuva mu ndwi iheze.
Igisagara ca Boredeaux catwikiriwe n'umwotsi mu gatondo ko kuri uyu wa kabi mu gihe umuyaga wariko urahindura inzira.
Uwurongoye akarere ka Gironde yavuze:"iciyumviro canje mu mutwe n'uko ari igisigo.
"N'igisigo nka 'Octopus, kandi kiguma gikura, gikura .. imbere, inyuma, mu mpande zose. Kubera ubushuhe, kubera umuyaga, kubera ibura ry'amazi mu kirere... N'igisigo kandi biragoye cane kukigwanya."
Ubushuhe bwashitse ku 40C ku musi wambere bwari bwitezwe ko bugabanuka kuri uyu wa kabiri - ariko ntibica bitaga agahengwe ubwo nyene, mu gihe hacumye kandi imiyaga ikaguma ihindagurika, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC ari Gironde Lucy Williamson.









