Hashinzwe imisi 3 y'ikigandaro kubahitanywe n'umuriro muri Portugal

Firefighters battle a forest fire in Vieira de Leiria, Marinha Grande, centre of Portugal, 16 October 2017.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abajejwe kuzimya umuriro ibihumbi n'ibihumbi bari mu gikorwa co kugwanya uwo muriro w'icaduka
Yatangajwe

Igihugu ca Portugal cashinze imisi itatu y'ikigandaro kuva ku musi wa kabiri, mu kwibuka abahitanywe n'umuriro mu gihugu cose.

Abashika 36 bapfuye inyuma y'aho imiriro amajana n'amajana yadukiye mu turere two hagati no mu buraruko ku musi wa Mungu no ku wa mbere.

Uwo muriro watanguriye ahashushe uza kwongerezwa imiyaga y'igihuhusi ca Ophelia cazananye mw'ibahari Atlantique.

Ku rubibe muri Espagne, abantu batatu bapfuye bahitanywe n'uwo muriro mu karere ka Galicia.

A firefighter tries to extinguish a fire in Cabanoes near Louzan as wildfires continue to rage in Portugal on October 16, 2017

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuriro wabandinije kwaka mw'ijoro n'aho imvura yari yaguye muri tumwe mu turere twasinzikaye cane

Igitigiri kinini c'imiriro catumye Portugal itangaza ibihe bidasanzwe mu turere two mu buraruko bw'uruzi Tagus- aho igice kinini kigize ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere Antonio Costa yasohoye itangazo aho yavuze ko ari imiriro ya mbere ikaze kuva mu 2006.

Yavuze ko reta arongoye izokorana ku musi wa gatandatu kugira ifate ingingo ku vyokorwa kugira birindi mwene iyo miriro inyuma y'iyahitanye abantu 64 mu kwezi kwa gatandatu.

"Inyuma y'uyu mwaka, ibintu bitegerezwa kuzohinduka," ni ko yavuze.

Spanish Prime Minister Mariano Rajoy (2nd left) and Galicia region leader Alberto Nunez Feijoo meet emergency workers during a visit to an area hit by fire Pontevedra,

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Espagne avuka i Galicia, yagendeye ako karere ku musi wa mbere

Imiriro yo mu kwezi kwa gatandatu yatumye haba ukwinuba uko igihugu ca Portugal kiba citeguye.

Imvura yarafashije kuzimya iyo miriro ku musi wa mbere ku mugoroba, ariko iyirenga mirongo ibiri yagumye yaka ijoro ryose, nk'uko bishikirizwa n'abategetsi ba Portugal.

map of fires in Portugal and Spain