Ukraine: Ankira abarusiya kuza gutembera iwanyu -Zelensky abisaba ibihugu vya Buraya

Yatangajwe

Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymir Zelensky yasavye ibihugu vya Bulaya vyose  kwankira abarusiya bose kugendera uwo mugabane -ivyo Uburusiya bwakengereye cane.

Zelensky yabariye ikinyamakuru Washington Post ko ‘’abarusiya bakwiye kuba kw’isi ya bonyene gushika bahinduye ingendo’’.

Such a ban, he argued, would be more effective than the current sanctions, which bar Russian airlines and officials linked to the Kremlin.

Avugako iyo ngingo yogira akamaro kurusha ibihano biriho ubu vyankira indege z’Uburusiya hamwe n’abarongozi bacuditse n'ubutegetsi bw'Uburusiya kuja i Buraya.

Abarusiya baracaronka impusha zo kwinjira (visa) mu bihugu vuya Buraya na Amerika.  

Akamo Zelensky yateye gashobora kuronka abagashigikira bake kubera Uburusiya -naho buri mu bihano- busanganywe imigenderanire muvyo urudandazwa kandi abarusiya babandanya bakirwa mu bikunzwe gufatirwamo akaruhuko nka Misiri , Turkiya na Arabiya Saoudite.

 Ariko ku musi wa kabiri , umushikiranganji wa mbere wa Estonia Kaja Kallas yanditse kuri twitter ati: "Hagarika guha visa ingenzi z'abarusiya. Kuja gutembera i Buraya ni ibakwe, si uburenganzira bwa zina muntu."  

Mu kwezi guheze , umushikiranganji wa Latvia ajejwe imigenderanire Edgars Rinkevics yabariye ikinyamakuru Politico gikorera kuri internet ko ibihugu vya Bulaya bikwiye kugabanya visa zihabwa abarusiya, zemererwe gusa abafise imvo zotuma bahura n'akaga.  

No ku musi wa mbere igihugu kibanyi mu uraruko, Finlande, carashigikiye kugabanya guha impusha ababuriya.

Umushikiranganji wa mbere wa Finlande, Sanna Marin,  yabariye radio-television y’igihugu YLE ko ‘’ bidakwiye ko Uburusiya butogira gutera intambara y'agasomborotso n'akaga i Buraya, hanyuma ngo abarusiya babandanye kubaho ubuzima busanzwe, baja i Buraya, baja gutemebera". 

Ibihugu vya Estonia na Finlande vyitezwe ko bizoshikana ikibazo ca visa mu nama ya vuba y’abashikiranganji bajewe imigenderanire.

 Umuvugizi wa Vladmir Putin,  Dmitry Peskov,  yiyamirije ivyasabwe na Zelensky avugako "ata bundi buryo bwo kubifata atari nabi cane".

Yavuze ati :"Kugerageza mu buryo ubwari bwo bwose guharira ivomo (gushira mu kato) abarusiya n'Uburusiya, ni umugambi ataco ushobora gushikako. "

Visa Schengen yemerera uwuyihawe kuguma mu bihugu vy'Ishirahamwe rya Buraya iminsi 90 ku mvo zo gutembera canke z'ivyashara.  

Umuntu ashobora gutembera uko ashatse mu bihugu 26 bigize Schengen muri ico kiringo -ako karere kakaba kagizwe n'ibihugu 22 hiyongerako Islande, Norvege, Ubuswise, na Liechtenstein.  

Abarisiya rero n'ubu baracashobora gutembera mu bihugu vya Buraya n'ubwo ata ndege zibajanayo zitaziguye. Ariko abarusiya bari ku rutonde rw’ibihano vy'Uburengerazuba (Buraya na Amerika) - bagizwe ahanini n'abatunzi ruhebwa n’abategetsi bacuditse na Vladimir Putin- ntibemerewe.   

 Ibitero vy'Uburusiya kuri UKraine vyatanguye itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri vyatumye ibihugu vy'iburengarazuba bibufatira ibihano vyongera bituma abarusiya baharugwa mu bihumbi baja mu mahanga. Barimwo abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ariko hari n’abandi batafise ivyo baharanira muri poritike bashimye kuronderera ubuzima hanze y’Uburusiya.

Zelensky yavuzeko ibihano bihambaye ari ukwugara imbibe kubera Aburusiya buriko barigarurira ubutaka bw’ikindi guhugu.

 Yari amaze kwiyamiriza ko ibihugu vya Bulaya vyananiwe kureka kugurira gaze n’igitoro mu Burusiya, ari navyo bibufasha kugwana iyo ntambara yo muri Ukraine.   

 Igitero c'Uburusiya kuri Ukraine kwatumye abantu baharugwa mu bihumbi bicwa gituma miriyoni z'abanya-Ukraine bahunga igihugu ahanini baja muri Pologne no mu bindi bihugu vya Buraya vy'ishirahamwe vya Buraya vyegeranye.