'Nishe se wa Renovat ndi kumwe n'abasirikare...ndi mu bishe Abatutsi binyegeje kwa Pascal' - Abagiye mu bwicanyi mu 1993 basabanye imbabazi

Manirambona Longin (i bubamfu) ari kumwe n'uwo  yiciye se Nsengiyumva Renovat
Insiguro y'isanamu, Manirambona Longin (i bubamfu) ari kumwe n'uwo yiciye se Nsengiyumva Renovat
    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Yatangajwe

Manirambona Longin (Umututsi) na Ntirampeba Gaspard (Umuhutu) ni bamwe mu bantu barenga 20 bo mu ntara ya Ruyigi bemanga ko bishe abantu inyuma y'igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye.

Bose uko ari babiri barasavye ikigongwe abo biciye kandi barakigiriwe.

Longin avuga ko yarokotse igitero c'Abahutu, mu kwihora aca yica Benyegeza Evode, se wa Renovat Nsengiyumva.

Bose bari basanzwe baba ku mutumba Munyinya, muri komine Butezi mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw'Uburundi.

Kuri uwo mutumba nyene Ntirampeba Gaspard yaragize uruhara mu gitero co ku muhana wa Pascal Nizigiyimana, ahari hinyegeje Abatutsi barenga 50 bo mu micungararo y'aho, bari baje bahunga ibitero vy'Abahutu bariko barabahiga buhongo inyuma y'igandagurwa rya prezida Ndadaye.

Pascal yahaburiye umugore n'abana batatu.

Ugeze kuri uwo mutumba, ukaraba ingene abiciwe n'ababahekuye basangira, ntiwomenya ko bigeze kurabana ayo ingwe.

Kuva i Bubamfu uja i buryo: Ntirampeba Gaspard, Manirambona Longine, Nizigiyimana Pascal na Nsengiyumva Renovat
Insiguro y'isanamu, Kuva i Bubamfu uja i buryo: Ntirampeba Gaspard, Manirambona Longine, Nizigiyimana Pascal na Nsengiyumva Renovat bariko barasangira umutobe

Umubano w'imbere ya 1993

Ntirampeba Gaspard na Nizigiyimana Pacal
Insiguro y'isanamu, Kuva i bubamfu uja i buryo: Ntirampeba Gaspard yemera ko yagize uruhara mu kwica umugore n'abana batatu ba Nizigiyimana Pascal. Bahagararanye na Pascal nyene yamaze kumurekurira

Ico bahurizako bose n'uko imbere y'uko prezida Ndadaye yicwa, bari babanye neza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Renovat Nsengiyumva, umuhungu w'umuhisi Benyegeza Evode, avuga ko se wiwe na Pascal Nizigiyimana kari akadasohoka.

Agira ati: "Data yari afise ibutike iruhande ya Pascal, barakundana cane. Mbere bari baranavyariraniye n'abana mw'ibatisimu."

Yongerako ati: "Twaragemuriranira, twari abavukanyi".

Ivyo na Pascal aravyemeza. Akavuga ati: "Sinzi ishetani yateye uyu muryango kugira bangirire nabi".

Sewabo wa Renovat, Gaspard Ntirampeba, ari mu bishe umuryango wa Pascal.

Gaspard agira ati: "Jewe ndi mu bagiye gutera ku rugo rwa Pascal. Hari hahungiye Abatutsi benshi kuko ico gihe barondera guhungira ku muntu afise inzu ikomeye.

"Pascal rero ni we yari umutunzi akomeye kuri uyu mutumba wa Munyinya, yari afise inzu ikomeye isize n'isima. Abatutsi benshi ni ho bari bahungiye".

Yongerako ati: "Batubwira ko hagize uwanka kwifatanya n'abandi na we aca afatwa nk'umwansi. Naciye nkurikira abandi".

N'aho yamwiciye abantu, Gaspard na we nyene aremeza ko imbere ya 1993, Pascal ari we yabaha akazi kandi ko bari babanye neza.

Umusi w'itariki 21 ukwezi kwa cumi 1993

Ahahoze urugo rwa Nizigiyimana Pascal
Insiguro y'isanamu, Nizigiyimana Pascal ahagaze ahahoze hari inzu yiwe hiciwe abo mu bwoko bw'Abatutsi bari bahahungiye mu 1993

Kw'itariki 21 z'ukwezi kwa cumi 1993, ngo ibintu vyarahindutse.

Inkuru zikimenyekana ko prezida Melchior Ndadaye yafashwe kandi ko yoba yishwe, abantu baciye batangura kwiyegeranya mu turwi dutoduto.

Ntirampeba Gaspard agira ati: "Abandi [Abahutu] baraje bavuye za Nombe, Kibuye, Kamuna... bitwaje ubuhiri, imipanga, baraduhitana.

"Naciye ngenda mu bandi, kuko wanse nawe bagufata nk'umwansi".

Aho rero, Gaspard asigura ko baciye baja guhiga Abatutsi aho binyegeje, ari na ho bashika ku rugo rwa Pascal Nizigiyimana.

Avuga ko baturiye inzu yiwe hafi isaha zitatu zijoro, benshi mu bari bahahungiye bapfirayo.

Pascal avuga ati: "Narasimvye urugo ndiruka, barantera icumu rimfata ku rutugu ariko nguma niruka sinapfuye."

Ariko umugore wiwe n'abana batatu bo nta mahirwe bagize yo kurokoka.

Gaspard akaba yemenga ko yagize uruhara mu rupfu rwabo.

Ku ruhande rwa Longin Manirambona, avuga ko yari mu Batutsi bahungiye kwa Pascal, Imana irakinga ntiyapfa.

Ariko avuga ko mu nyuma yaciye arondera abasirikare babiri baza guhiga mukuru wa Gaspard Ntirandekura yitwa Benyegeza Evode (Se wa Reanovat Nsengiyumva) kugira bihore.

Agira ati: "Kubera ivyo nari naciyemwo, ishavu n'inyoshambi, narazanye abasirikare babiri kurondera Evode kugira tumwice.

"Twamusanze harya hanyuma atubonye aca araduga iruhande y'amasederi, umusoda umwe amuca inyuma aca aramurasa, nanje ndamutera icumu.

"Jewe rero ndemeza ko nagize uruhara mu rupfu rwa Evode, ari na co gituma nemeye kubisabira imbabazi".

Ingingo yo gusaba ikigongwe no kugitanga

Ntirampeba Gaspard (Umuhutu) na Manirambona Longin bose bavuga ko kugira batinyuke gusaba imbabazi ku bwicanyi biyemerera ko bakoze, bafashijwe n'igisata Justice et Paix (Ubutungane n'Amahoro) ca Ekleziya Katolika.

Izo nyigisho kandi zarahawe abakorewe icaha.

Impande zose zivuga ko zahawe inyigisho zitandukanye zo gusaba ikigongwe no kugitanga.

Gaspard avuga ko bahuriye na Pascal kuri paruwase Mugera.

Ati: "Namubwiye ko nzanywe no kumusaba ikigongwe kuko ndi mu bamwiciye umugore wiwe n'abahungu biwe batatu".

Pascal avuga ko bitari vyoroshe ariko yamurekuriye kuko wewe muri benshi bari kumwe, yubahutse akamusaba imbabazi.

Ati: "Gaspard yaraje, ariko abakozi bo mu gisata c'ubutungane n'amahoro babanza kumusohora.

"Baransigurira ko hari umuntu aje kunsaba ikigongwe ku ruhara yagize mu kwica umuryango wanje.

"Bambwira ko ari jewe mfata ingingo yo kumwakira nkamuha ikigongwe canke nkakimwima".

Pascal avuga ko, aravye ivyo yahahombeye, kandi akanabona ko Gaspard ata ho yobikura ngo abirihe, yigiriye inama yo kumubabarira.

Ku mutumba
Insiguro y'isanamu, Iyo uwakorewe icaha yemeye gusaba ikigongwe akagihabwa, baca baja kwiginana ku mutumba bavukako

Na Longin na we avuga ko yari yatanguye kurondera umuryango wa Benyegeza Evode kuva kera, ariko ntadudurireko ico yarondera.

Avuga ko amaze gukurikirana inyigisho, yiyemeje gusaba ikigongwe ku mugaragaro.

Agira ati: "Baratwigishije ko n'aho ata manza, umuntu ategerezwa kuraba umutima wiwe. Ntarabe abandi.

" Twarabonye ko umuntu ategerezwa gusaba imbabazi ku kintu yakoze gitewe n'ishavu rivuye ku ntambara, kugira ejo muhuye ntugende urabundabunda kubera gutinya ko muhuye nawe yokwica".

Inyigisho z'igisata c'Ubutungane n'Amahoro

Padiri Bernard Cubwa arongoye igisata c'ubutungane n'amahoro muri Diyoseze ya Ruyigi avuga ko batanguye ico gikorwa kuva mu 2005.

Ico gihe ngo hari habaye isabukuru ya mbere yateguwe na Ekleziya Katolika y'ubutungane n'amahoro mu Mirehe, maze abari bataye izabo n'abari bahungiye mu myonga baca baja hamwe bumvikana gusubira mu mihana iwabo.

Padiri Cubwa avuga ko "kwari ukugerageza kwunga aba na bariya, cane cane Abahutu n'Abatutsi vyari vyagoye ngaha mu gihugu cacu".

Mu nyuma ni ho hatanzwe ivyigwa vyerekana ivyiza vy'amahoro, ivyiza vyo kurekuriranira, ivyiza vyo gusubiza hamwe.

Mu 2012 ngo ni ho abantu batanguye gutanga ibigongwe ikivunga.

Padiri Cubwa agira ati: "Abantu bararekurira abantu bavuga bati n'aho atawaje kukidusaba, kugira tugire amahoro ku mutima, turatanze ikigongwe c'ikivunga".

Umuntu wa mbere yasavye imbabazi ku mugaragaro yabonetse mu 2016 yivugira neza ati: "Abantu nategerezwa gukingira sinabakingiye kuko iyo ndabikora nta co bari kuba."

Ubu abamaze gutanga imbabazi muri rusangi ata wazibasavye barenga ijana, mu gihe abamaze gusaba ikigongwe bakagihabwa barenga 20.

Padiri Bernard Cubwa
Insiguro y'isanamu, Padiri Cubwa avuga ko "kwari ukugerageza kwunga aba na bariya, cane cane Abahutu n'Abatutsi vyari vyagoye ngaha mu gihugu cacu."

Padiri Bernard Cubwa avuga ko atawotinya yibaza ko yohava akurikiranwa n'ubutungane ngo kuko itegeko rya CVR (Umurwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha) ryo kw'itariki 27 z'ukwezi kwa gatandatu 2016 rirabakingira.

Iyo rero abantu bemeye gusubiza hamwe, ngo ibirori biraheza bikabera ku mitumba aho bavuka kandi bakoreye icaha, kugira bose babone ko wa muntu bahora batunga urutoke yigaye kandi ko n'uwo yakoreye ikibi yamubabariye.

Inyuma y'igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye n'abafasha biwe, harimwo uwari umukuru w'inama nshingamateka Pontien Karibwami, haciye haduka ubwicanyi hirya no hino mu gihugu.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barishwe abandi bahungira mu bihugu bibanyi.

Gushika ubu nta gitigiri nyezina kizwi c'abantu basize ubuzima muri ubwo bwicanyi impande zibiri ziguma zagirizanya gutangura.

Abahutu bagiriza Abatutsi ko ari bo bari babuteguye, Abatutsi na bo bakabwagiriza Abahutu.

Harashinzwe umurwi CVR ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha, ufise akazi ko gushira ahabona amabi yagiye arashika mu Burundi kuva mu 1896 gushika mu 2008, ariko nta co uravuga kuri ubwo bwicanyi.

Uwo mugwi kandi ntuvurwako rumwe na bose.