Amerika igiye guhagarika amafaranga yaha Afrika y'Epfo mu kurwanya umugera wa SIDA - menya impamvu

Cyril Ramaphosa na Donald Trump muri Maison Blanche.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yarashamiranye na Cyril Ramaphosa muri Maison Blanche/White House mu mwaka uheze ku birego yavuga ko aba-Afrikaner bariko barahohoterwa
    • Umwanditsi, Damian Zane
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko bugiye guhagarika amafaranga bwahora buha Afrika y'Epfo mu mugambi wo kurwanya ikwirakwira ry'umugera wa SIDA .

Abanyafrika y'Epfo barenga imiriyoni umunani bagendana umugera wa SIDA – kikaba ari co gihugu ca mbere gifise igitigiri kinini c'abagenda uno mugera gusumba ibindi vyose kw'isi.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire busa n'ubwerekana ko iyi ngingo ishobora kuba ifitaniye isano n'ivyo Amerika isanzwe yagiriza Afrika y'Epfo ko yananiwe no gukingira inkehwa z'abazungu b'aba-Afrikaner - ikirego reta ya Afrika y'Epfo idahengeshanya kwamirira kure.

Ubushikiranganji bwa Afrika y'Epfo bujejwe amagara y'abantu bwishura ko, nubwo butarashikirizwa iyi ngingo, kuva kera bwari "bumaze igihe kirekire butegura umugambi wo kwibako".

Gushika mu 2025, Amerika yafashisha Afrika y'Epfo imiriyoni zababa 400 z'amadorari y'Abanyamerika ku mwaka, mu twigoro tw'iki gihugu two guhangana n'uno mugera, mu mugambi wiswe PEPFAR (President's Emergency Fund for Aids Relief).

Ariko kuva Perezida Donald Trump arahiriye ikiringo ciwe kigira kabiri, imigenderanire hagati y'ibi bihugu bibiri yaratosekaye.

Inyuma y'akanya gato gusa ashitse ku butegetsi, Trump yasohoye itegeko rivuga ko amategeko "atagira uko angana" ya Afrika y'Epfo yakuyeho amahirwe angana ku bantu bose kandi agateza ubugizi bwa nabi "ku barimyi [b'abazungu] bakubagurwa kubera ubwoko bwabo".

Ibi vyamirirwa kure na reta ya Afrika y'Epfo ivuga ko poritike yayo yo gufasha abirabure kwisununura, izwi nka Black Economic Empowerment, ikenewe kugira ngo bakosore ubusumbane bwo kuva kuri ya ntwaro y'ivangura ya apartheid.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iryo tegeko rya Trump ryagarutse kandi ku rubanza Afrika y'Epfo yashingishije muri sentare mpuzamakungu kuri Israel hamwe n'ubucuti yoba ifitaniye na Irani.

Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ivuga ko "kubera izi nyifato zitari zo kandi zitabereye", ata yindi mfashanyo izohabwa Afrika y'Epfo.

Trump akunze kandi kuvuga ibintu atari vyo ko hari "ihonyabwoko ry'abazungu" ririko riraba muri Afrika y'Epfo, ari na vyo vyatumye ubutegetsi bwiwe butanguza umugambi wo kwakira impunzi z'Aba-Afrikaner – abazungu bamuka ku Banyaburaya bimukiye muri ico gihugu mu kinjana ca 17. Ubu ni nk'aho ari bo bonyene bakirwa nk'impunzi muri Amerika.

Iri honyabwoko avuga ryarateshejwe agaciro ko ata vyemezo.

Imfashanyo ya Pepfar, yari isanzwe igize hafi ica gatanu c'amafaranga yose Afrika y'Epfo ikoreshanya mu migambi yo kurwanya umugera wa SIDA, yararonse akaberu ko kubandanya igihe gito muri Gitugutu (10) umwaka uheze, biciye mu ciswe "umugambi w'igihe gito".

Ariko umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire yemeje ko aya mafaranga ya Pepfar ubu agiye gutangura "kugabanuka bukebuke".

Avuga ko ari kubera ko "Afrika y'Epfo yananiwe no kwerekana intambwe iboneka ku vyo isabwa n'ubutegetsi".

Yongeyeko ko intumbero y'ubutegetsi bwa Amerika ari "uguhimiriza [iki gihugu] kwibako" no kugabanya ivy'uko iki gihugu cokwama kigendera ku mfashanyo ya Amerika, ashimangira ko "Afrika y'Epfo ari igihugu gifise ubutunzi buri ku rwego rwo hagati kandi gifise ubushobozi buhagije bwo gushigikira imigambi yaco mu vy'amagara y'abantu".

Utwigoro two gusanura imigenderanire hagati ya Amerika na Afrika y'Epfo twagiye ducumbagira. Muri two harimwo umubonano hagati ya Trump na Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo muri Maison Blanche, haraheze umwaka urenga gato, aho Trump yifatiye mu gahanga mugenzi we ku vyo avuga vy'uko abazungu bahohoterwa.

Amerika kandi yaranse kwitaba inama ya G20, ihuriro ry'ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi, yabereye muri Afrika y'Epfo muri Munyonyo (11) umwaka uheze.

Pumza Fihlani ari i Johannesburg yaraterereye kuri iyi nkuru