Ubushinwa buriyama OTAN ku vyo ibwagiriza ku Burusiya

    • Umwanditsi, Tessa Wong
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire Wang Yi ariyamiriza "ibirego bitagira ishingiro" vya OTAN vy'uko igihugu ciwe kiriko kirafasha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine.

Aragabisha kandi ko uru runani rw'Uburengero ruriko rukokeza imishamirano.

Wang yavuze aya majambo mu kiganiro yagiranye kuri terefone na mugenziwe w'Ubuholande amasaha make inyuma y'aho abategetsi ba OTAN bari bakoraniye i Washington DC basohoreye itangazo ryavugamwo iyi ntambara.

Bagiriza Ubushinwa ko bufasha cane Uburusiya biciye mu "mfashanyo ikomeye buha Moscou [umugwa mukuru w'Uburusiya rikaba rikoreshwa mu ku vuga iki gihugu] mu vyo kwivuna abansi", mu majambo yabo ya mbere akomeye bakoresheje ku Bushinwa.

Basaba Ubushinwa guhagarika "imfashanyo yose y'uburyo na poritike" buha Moscou mu ntambara yayo, cane cane ibikoresho bishobora gukoreshwa mu nzira zibiri, mu buryo bwa gisivire na gisirikare.

Ibihugu vy'Uburengero vyari bimaze kwagiriza Ubushinwa ko bwarungikiye Uburusiya ubuhinga bwo guhingura indege zitagira abadereva (drone) n'ubwo guhingura ibisasu vya misire, hamwe kandi n'amasanamu y'ibigendajuru. Amerika ivuga ko 70% vy'ibikoresho vy'amamashini hamwe na 90% vya elektroniki Uburusiya bugurira hanze biva mu Bushinwa ubu.

Ubushinwa buragirizwa kandi ko bukora "ibikorwa bibi ku buhinga nyabwonko harimwo gukwiragiza amakuru y'ibinyuma", ku bihugu vya OTAN.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kane, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko yaganiriye n'abandi bategetsi ku nsiguro y'ingaruka yavyo ku Bushinwa.

Ati: "Ubushinwa butegerezwa gutahura ko nimba bufasha Uburusiya mu bijanye n'amakuru hamwe n'ubuhinga, bugakorana na Korea ya Ruguru hamwe n'ibindi mu gufasha Uburusiya n'igisirikare cabwo, ingaruka ni uko mu vyo ubutunzi ataco zizobufasha.

"Nibaza ko ubona ko bamwe mu bagenzi bacu ba Bulaya bagiye kugabanya imitahe yabo mu Bushinwa".

Mu kwerekana ko Uburusiya bugurira ibirwanisho vyabwo mu Bushinwa no muri Korea ya Ruguru, yongeyeko y'uko ibihugu vya OTAN biriko birihweza inzira nshasha yo guhindura Uburengero kugira ngo bube "ikirindiro nyamukuru" c'ihinguriro ry'ibirwanisho.

Mu kiganiro ciwe n'umushikiranganji mushasha w'Ubuholande ajejwe imigenderanire Caspar Veldkamp, umushikiranganji Wang yavuze ko Ubushinwa budashobora kwemera na gato ibi birego vyose ashimangira ko bwamye "buharanira amahoro n'ituze".

Mu majambo yacishijwe ku binyamakuru vyegamiye reta, yavuze ko poritike n'indangagaciro vy'Ubushinwa "bitokoreshwa nk'icitwazo ca OTAN mu gukokeza imishamirano n'Ubushinwa", aca asaba OTAN "kutarenga imbibe zayo".

Imbere y'aho, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire yari yavuze ko OTAN iriko iracafuza Ubushinwa ikoresheje "amajambo y'ibinyoma", mu gihe ubuserukizi bw'Ubushinwa mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya nabwo bwabwiye uru runani "guhagarika imvugo ndenzarugero ku co rwita iterabwoba ry'Ubushinwa".

Ubushinwa bwamye bwamirira kure ivyo bwagirizwa vyo gufasha Uburusiya mu ntambara yabwo, bugashimangira ko ata ruhande na rumwe buhengamiyeko. Buramaze gusaba ko intambara ihagarara bwongera burashikiriza integuro yabwo y'amahoro, integuro yiyamirijwe na Ukraine.

Ariko, hejuru y'ibi bwagirizwa ko bufasha Moscou mu buryo bwa gisirikare, abihweza ibintu n'ibindi babona ko kuba Ubushinwa bugura igitoro cinshi na gaze nyinshi mu Burusiya bifasha ubutunzi bw'iki gihugu bubangamiwe n'ibihano, kandi bukaronka n'amahera bukoresha mu ntambara.

Abategetsi b'Ubushinwa basanzwe bakoresha ururimi rumwe n'Uburusiya kuri ino ntambara - Ubushinwa ntibuvuga ko ari intambara. Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa afitaniye ubucuti bwa hafi na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya, aho bompi baherutse kuvuga ku mugaragaro ko ubucuti bwabo butagira "imbibe".

Ubushinwa bwagiriza Amerika n'incuti zayo gukokeza intambara mu guha Ukraine ibirwanisho n'ubuhinga bwo guhingura ibirwanisho.

Mu ndwi nkeya ziheze, ibihugu bitari bike vyarateye iyindi ntambwe mu kwemerera Ukraine gukoresha ibirwanisho vyavyo mu gutera ku bibanza biri hagati ku butaka bw'Uburusiya.

Muri iyo nama ya OTAN yamaze imisi tiatu, ikaba yarangiye ku wa kane, uru runani rwasubiye kwiyemeza gushigikira Ukraine. Ibihugu vyarwo bishigikiye intego ya Ukraine yo kwinjira muri OTAN.