Zelensky: Russia nta mahirwe ifise yo gutsinda intambara

Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko igisirikare c’Uburusiya kiriko kirakomeza ibirindiro vyaco mu turere cigaruriye mu bumanuko bw’igihugu, ariko ko ata mahirwe bufise yo gutsinda iyi ntambara.

Mw’ijambo ryiwe rya nijoro ku wa Mungu, Zelenksy yavuze ati: "Nashaka gushimira abanyagihugu bose ba Nikolaev ku kungene batemera guhonyorwa ku gakanu, ku kungene barwanira igisagara n’intara yabo.

“Ndashimira kandi Nikopol, Kharkov, Krivoy Rog hamwe n’intara yose ya Dnepropetrovsk, intara ya Zaporozhye n’abanyagihugu bayo bihagararako, abanya-Ukraine bose bo mu ntara ya Kherson, umuntu wese yitanga mu gukingira Odessa.

“Ndabashimiye ku butwari bwanyu! Uburusiya nta mahirwe yo gutsinda intambara”.

Hagati aho, ingabo z'Uburusiya muri iri joro ryakeye zacucagiye amabombe mu gisagara ca Nikolaev, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iki gisagara, Alexander Senkevich.

Yanditse ku rubuga rwa Telegram  ati: "Nikolaev irasubiriye guterwa. Ibibombe bikomeye biriko biracucagirwa mu turere dutandukanye tw’igisagara. Turiko turegeranya amakuru. Mwigire kure y’amadirisha kandi ntimwibagire amabwirizwa yo kwikingira”.

Ni mu gihe ikigo ca Amerika cigisha ivy’intambara (Institute for the Study of War, ISW) kivuga ko ingabo z’’Uburusiya ziriko zirategura akarere mu ntumbero yo gutera Kharkov.

Abahinga b’iki kigo mu cegeranyo cabo gishasha, bandika ko ingabo z’Uburusiya zasubiriye gukora ibitero vyo ku butaka mu buraruko bushira uburengero no mu bumanuko bushira uburengero bwa Izyum kandi ko bashobora kuba bariko barategura ibindi bitero mu burengero bwa Kharkiv canke amaja muri Kharkov.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aba bahinga kandi bandika bati: "Haraciye amezi atari make ingabo z’Uburusiya zishinze ibirindiro mu micungararo ya Balakliya na Velikaya Kamyshevakha, zikaba zishobora gukoresha utu turere tubiri mu gutegura igitero”.

Kubw’aba bahinga, ingabo z’Uburusiya nta mahirwe zifise yo kwigarurira intara ya Kharkiv canke kwigarurira igisagara ca Kharkiv – igisagara kigira kabiri gifise abantu benshi muri Ukraine – uravye ingene intambara ya Donbas igenda bukebuke n’ingorane zibandanya zijanye n’ingabo n’uburyo.

Aba bahinga bavuga kandi ko ingabo z’Uburusiya zishobora gukora ibitero vyo gutesha ivy’ingabo za Ukraine zirondera kwisubiza uturere zatakaje.

Ni mu gihe igisata kijejwe igendereza c’Ubwongereza kivuba ko Uburusiya bushobora gusubiramwo integuro y’intambara yabwo mu karere ka Donbas.

Kivuga ko inyuma y’aho bunaniriwe gushika ku ntumbero yabwo zari zifitiye Donbas kuva mu kwa kane, Uburusiya bushobora kuba bwaramaze kubona akandi karere, Zaporozhye, zishobora kwizizira.

Iki gisata kimenyesha ko mu misi ine iheze, Uburusiya bwabandanije ibitero mu karere ka  Bakhmut kari mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Donetsk, ariko ko umuvuduko wari muto.

Gisubiramwo kandi ivyashikirijwe n’abategetsi ba Ukraine mu ndwi iheze ko Uburusiya bushobora kuba buriko burimurira mu bumanuko bwa Ukraine.