Ukraine - Russia: Putin ariko yiga ku mugambi w’amahoro wa Afrika, intambara ibandanya ibica bigacika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yabwiye abakuru b’ibihugu vya Afrika bari bitavye ikoraniro rya Afrika n’Uburusiya riheruka kubera mu gisagara ca St Petersburg, ko yubaha umugambi w’amahoro washikirjwe mu kwezi guheze mu ntumbero yo kurangiza intambara yo muri Ukraine.
Mw’ijambo yashikirije ku musi wa nyuma w’iri koraniro, Perezida Putin yavuze ko ariko “ariga neza” uno mugambi.
Abategetsi ba Afrika kandi basavye Uburusiya kuvyura amasezerano yerekeye gushora hanze intete yatumye Ukraine ishobora gushorera hanze umwimbu wayo w’intete ikoresheje ibivuko vyo ku Kiyaga Cirabura. Mu ndwi iheze, Moscou niho yiyonkora muri ano masezerano.
Ni mu gihe intambara zibandanya zibica bigacika muri iki gihugu aho igitero Uburusiya bwaraye bukoze nijoro ku wa gatanu mu gisagara ca Dnipro cakomerekeje abantu batanu inyuma y’aho ibisasu vya misire vyahitanye izu zibiri.
Muri iryo koraniro, umukuru w’Inama Nkuru y’Ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat yavuze ko kurangiza intambara vyohagarika ihungabana ry’umuyagankuba n’ubukene bw’intete. Iyi ntambara yaratumye imfungurwa zikena ku mugabane wa Afrika.
Ku wa kane, Perezida Putin yaremereye ibihugu vya Afrika bitandatu amatoni agera kuri 50.000 mu mezi make ari imbere.
Abatari bake muri aba bategetsi ba Afrika bari muri iyi nama barakengurukiye Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ku kungene ifasha akarere ka Sahel guhangana n’ibibazo vy’umutekano.
Amakuru b’ibihugu vya Centrafrique na Mali barashimiye Putin, kuko amareta yabo ahabona cane wa murwi Wagner w’Uburusiya mu guhangana n’ibitero vy’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Ukraine ibandanya isinzikazwa n’ibitero vy’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gisagara ca Dnipro, umurwi w’abamenyeshamakuru ba BBC bari ku rubuga baremeza ko inyubakwa ndende y’inzu zigerekeranye isa n’iyasenyutse yose mu gitero ca misire cabaye nijoro ku wa gatanu ku mugoroba.
Inyubakwa yegamiye igisata ca Ukraine kijejwe igendereza SBU nayo nyene yaratewe, nk’uko bivugwa na Perezida Volodymyr Zelensky.
Yagirije Uburusiya kuri iki “gitero c’iterabwoba” cononye izi nyubakwa.
Perezida Zelensky yasohoye videwo ku rubuga rwa Telegram yerekana umwotsi uduga uva muri izo nyubakwa n’umuriro waka ku mabarabara.
Avuga ko yatumyeko amanama yihuta n’urwego rwa SBU, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, ibisata bijejwe ubutabazi hamwe n’abategetsi b’akarere inyuma y’iki gitero.
Buramatari w’intara Serhiy Lysak avuga ko abana babiri b’imyaka 14 na 17 bari mu bakomerekeye muri iki gitero.
Lysak avuga ko iki gitero cabaye kw’isaha zibiri n’igice z’ijoro ( 20:30) mu masaha yo muri ico gihugu ata muntu cahitanye.
Bugize gatatu ino nyubakwa ya SBU iterwa n’Uburusiya, nk’uko bivugwa n’umukuru wa Dnipro Borys Filatov.
Iki gitero cabaye inyuma y’aho Uburusiya buvugiye ko bwakoroye ibisasu vya misire bibiri vyatewe na Ukraine mu ntara ya Rostov iri mu bumanuko, ku rubibe na Ukraine.
Moscou ivuga ko abantu 15 bakomerekejwe n’ibirombora vy’ibi bisasu vyakorokeye mu gisagara ca Taganrog kiri ku mweha.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko igisasu ca misire co mu bwoko bwa S-200 catewe ku “nyubakwa ituwemwo n’abantu” muri ico gisagara kibamwo abanyagihugu bababa 250.000.
Ubu bushikiranganji buvuga ko haciye akanya gato bwakoroye igisasu ca misire S-200 kigira kabiri hafi y’igisagara ca Azov, ibirombora bikaba vyaguye mu karere katarimwo abantu.
Buramatari wa Rostov Vasily Golubev avuga ko abantu 15 “bakomeretse bukebuke” kubera ibirombora vy’igisasu catewe hafi y’ikibanza c’iteramiro ca Chekhov hagati mu gisagara ca Taganrog.
Taganrog iri ku mweha w’Ikiyaga Azov ku birometero vyababa 40 uvuye ku rubibe rwa Ukraine.
Iki gisagara kandi kiri kw’ibarabara rigana mu gisagara ca Mariupol muri Ukraine, igisagara gikomeye casinzikajwe n’ibibombe vy’Uburusiya.










