Ukraine – Russia: buri ruhande ruvuga ko rwatewe n’amadrone

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw’ijoro ryakeye, Uburusiya bwateye Ukraine bukoresheje indege icenda zitagira abadereva (drone) zo mu bwoko bwa Shahed, umunani muri zo zikaba zarashwe, nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere um gatondo ko kuri uno wa Mungu.
Mu makuru y’ibanze, drone imwe yarasiwe mu kirere c’intara ya Kyiv mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu nk’uko bitangazwa n’umukuru w’ihuriro ry’ibisata vya gisirikare vya Ukraine, Sergei Naev, ku rubuga rwa Facebook.
Mu bindi bice, amadrone abiri yarasiwe mu ntara ya Dnepropetrovsk nk’uko bitangazwa n’umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare muri iyo ntara, Sergei Lysak, aciye ku muhora w’urubuga rwa Telegram.
Ni inyuma y’aho mw’ijoro ryo ku wa gatanu buca ari ku wa gatandatu gushika mu gitondo, Ukraine yamaze amasaha atandatu ihanganye n’amadrone, aho igisirikare kirwanira mu kirere catangaje ko 74 kuri 75 yari yarungitswe yasamburiwe mu kirere. Igisirikare ca Ukraine n’abategetsi bavuga ko iki gitero cari co ca mbere kinini, ciziziye cane cane umugwa mukuru Kyiv, n’intara ya Kyiv.
Uburusiya buravuga ibitero vy’amadrone 20 mu ntara zine, harimwo Moscou
Ni mu gihe ibinyamakuru vy’Uburusiya bisubiramwo itangazo ry’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya rivuga ko ubuhinga bw’iki gihugu bwo gukingira ikirere bwasambuye indege 11 zitagira abadereva mu birere vy’intara za Moscow, Tula, Kaluga na Bryansk.
Haciye umwanya, ubu bushikiranganji bwatangaje ko ayandi madrone icenda yarasiwe mu birere vyizo ntara nyene uko ari zine.
Imbere y’aha, umukuru w’igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin na buramatari w’intara ya Moscou Andrei Vorobyov, bari batangaje mu gatondo ko hari amadrone yasambiriwe mu turere tw’intara ya Moscou twa Naro-Fominsk, Odintsovo, Ramensky na Podolsk mw’ijoro ryakeye.
Sobyanin avuga ko iki cari igitero gikomeye, afatiye ku kungene hari izi ntara zindi zo mu micungararo ya Moscou zatewe.
Ku ruhande rwiwe Vorobyov avuga ko amadrone atanu ari yo yari yateye intara yiwe.
Vorobiev amenyesha ko hari amazu yononekaye ariko ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke.
Buramatari w’intara ya Tula nawe yatangaje ko intara yiwe yatewe n’amadrone abiri, imwe muri yo ikaba yaguye ku nzu y’igorofa ituwemwo n’abanyagihugu, umuntu umwe akaba yakomeretse. Abategetsi ba Ukraine ntaco bavuga kuri ano makuru y’ibitero vy’amadrone mu Burusiya.
Eka na buramatari w’intara ya Kaluga yavuzwe mu cegeranyo c’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya avuga ko aya madrone ataco yononye mu ntara yiwe.
Ibi bitero vyatumye ibibuga vy’indege vya Vnukovo na Domodedovo i Moscou biba birahagaritse ibikorwa vyo kwakira no kurungika indege nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Burusiua TASS.
Hagati aho, buramatari w’intara ya Smolensk Vasily Anokhin na we nyene atangaza ko ko mu gatondo ko kuri uno wa Mungu ubuhinga bwo gukingira ikirere hamwe n’ingabo zikoresha ubuhinga bwa elektroniki baburijemwo igitero c’indege itagira umudereva, ikaba igize gatanu hampande y’izi zine zivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya.
“Amakuru tumaze kuronka avuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke”, niko yandika mu butumwa bwa telegram.










