Urupfu rwa Arthémon Simbananiye: rutwaye umwe mu bari bazi kandi bavugwa muri vyinshi ku Burundi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Arthémon Simbananiye, rimwe mu mazina yavugwa cane muri kahise k'Uburundi yashengereye i Kigali mu Rwanda.

Ni umwe muri bake bari bagisigaye mu babaye abategetsi b’igihugu kuva kikironka intahe yo kwikukira mu 1962.

Uburundi bwikuye ku bukoroni bw’Ububirigi mu 1962 Simbananiye afise imyaka 27.

Kandi ryari rimwe mu mazina yagaruka cane mu boba baragize uruhara mu mabi atari make yaranze imyaka yabaye mu butegetsi.

Ku wa Mungu niho yitaba imana ku myaka 89, nk’uko vyemezwa n’umwe wo mu murango wiwe atashimye ko izina ryiwe rimenyekana.

''Si ivy'imbeshere, Arthémon Simbananiye yitavye Imana kuri uno wa mungu'', niko yabwiye BBC Gahuzamiryango.

''Yitavye Imana yakoreye kuko yari yahinduye ubuzima yarihebeye Imana aho yari asigaye ari umuvugabutumwa (pasteur).

''Uwacu yazize indwara yari amaranye igihe kirekire, yitabiye Imana i Kigali mu Rwanda mu Karere ka Gasabo…

''Yitavye uhoraho yararonse akanya ko gusezera umuryango wiwe wagutse, yitavye Imana akikijwe n’ab’iwe, ikigandaro kikaba catanguye i Kigali aho yari asanzwe aba''.

‘Plan Simbananiye‘ apfuye ayivuze ko iki?

Igihe Uburundi bwaronka intahe yo kwikukira vyahuriranye n’uko Arthémon Simbananiye ahejeje amashure ya kaminuza i Buraya.

Yari mu Barundi imparurwa bari bafise urugero nk'urwo ico gihe. Bisigura ingene yashikiye gushingwa amabanga akomeye.

Yashitse aba umuyobozi mukuru w'ubutungane. Mu 1965, Umwami Mwambutsa amugena kuba umunyamabanga wa reta ajejwe ubutungane (Secrétaire d'État à la Justice).

N’aho ubwami buviriyeho mu 1966, yagumye mu bibanza bikomakomeye muri reta za perezida Michel Micombero na Jean-Baptiste Bagaza.

Ni hake atavugwa mu bihe vy‘intureka n’ubwicanyi vyaranze Uburundi ico gihe.

Ariko ikibandanya kuvugwa kurusha ibindi ni iciswe ‘Plan Simbananiye’, woba wari umugambi wo kumara incabwenge z’Abahutu mu bwicanyi bwo mu 1972.

CVR, umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri ku mabi yabaye mu Burundi kuva ku mu zo w’abakoroni gushika mu ntango za 2000, uvuga ko wifuje kumwumviriza kugira awubwire ivyo azi n’ivyo yabonye.

Na cane cane kuri uwo mugambi wahavuye ufata izina ryiwe. Arinze ashengera batavuganye.

Ariko apfuye yaheruka gusohora igitabo aho we ashikiriza ukuri kwiwe.

Muri ico gitabo ku buzima bwiwe mu mabanga atandukanye yise Mémoirs d’un dirigeant Burundais dans une période bouscoulée, Arthémon Simbaniye yahaye ikigabane cose ca 14, insiguro yatanze yerekana ko uwo mugambi utabayeho.

Ashingira ku vyo abemeza ko wabayeho nabo bashingira ko, bifatiye kuri raporo ya politike Nᵒ 093/100/CAB/68, yo kuwa 18 /04/ 1968, yoba yarashikirijwe umukuru w’igihugu w’ico gihe, Lieutenant colonel Michel Micombero, itanzwe n’uwari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, n'uw'ubutunzi, akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, Commandant Martin Ndayahoze.

Iyi raporo, Arthémon Simbananiye yanditse ko yavuzwe inyuma y‘urupfu rwa Cdt Martin Ndayahoze, mu gitabo canditswe n’umugore wiwe Rose Karambizi Ndayahoze.

Yemeza ko ata muntu n'umwe mu bayivuzeko yigeze yerekana ikopi yayo, kiretse abafatira ku majambo yo muri ico gitabo ca Rose Karambizi n’abandi bayasubiyemwo.

Hari n'aho avuga ko abayimurega bavuga ko yamenyekanye igihe yari yatumiye abategetsi bamwegereye mu rugo iwe mu 1967.

Kubwiwe ati "Rero Plan Simbananiye yamenyekanye itaravuka!"

Mu guhakana ukuri kw’iyi 'Plan S', Arthémon Simbananiye, yanditse ko abayishingirako, barimwo uwari umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’amakungu, Augustin Munyaneza, na Remy Gahutu yashinze umuhari PALIPEHUTU, bashaka gukwiragiza ibihuha no gucanishamwo Abarundi.

Yagaragaje ibihushane ku gihe 'Plan S' ivugwa ko yabereyeho

Yemeza ko uwo mugambi atari gushobora kuwucura no kuwubwira abandi kandi ico gihe bemeza ko wavutse, nawe yari mu mvuto kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 1967, agasohoka mu kwezi kwa kabiri 1969.

Abandi bavuze ku kubaho kwa 'Plan S' bemeza ko yacuze uwo mugambi mu 1963, ariko n'aho nyene yemeza ko atari vyo kuko ata vyemezo vyigeze bigaragara ko wabayeho.

Muri ico gitabo ciwe, asobanura kandi ko abemeza ko wavutse muri 1963, ‘bashaka kuwusanisha n’uwari witiriwe, [naho nyene ku kinyoma] uwari umushikiranganji wa mbere, André Muhirwa’.

Ibi yemeza ko ari ikinyoma cazanywe n’umuhari MEPROBA (Mouvement des Etudiants progressistes barundi), aho umariye kubona ko ico yita ikinyoma c’iyo tariki yo kuwa 18/04/1968 kitafashe.

Arthémon Simbananiye aremeza ko abanditsi n’abahinga bakoze ubushakashatsi kuri kahise k’Uburundi, nka Jean Pierre Chrétien na Jean Francois Duparquier berekanye neza ko uwo mugambi wo mu 1963 wo guhonya abahutu, ataho wagaragaye mu nyandiko.

Aragaruka no kuvyanditswe kuri 'Plan Simbananiye', n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Sylvestre Ntibantunganya, awita ko wavuye muri ico avuga hejuru ko ari iciyumviro citiriwe uwari umushikiranganji wa mbere Muhirwa, nayo 'Plan Simbananiye' ikaza kugihinyanyura.

Kuri ayo majambo yo mu gitabo ca Ntibantunganya 'Burundi, démocratie piégée, lectures, témoignages, et analyses, Arthémon Simbananiye ayakurikiza ayanditswe nk' inyishu ya Muhirwa ubwiwe kuri Ntibantunganya, amusaba kwerekana aho yoba yarabonye ikopi y'uwo mugambi n'ivyarimwo.

No muri ico gihe mu 1963, Arthémon Simbananiye yandika ko yari akiri umunyeshure i Bulaya, aho yagiye mu 1957 agasubira mu Burundi mu 1965, ata mabanga y'igihugu yari ajejwe.

Ashingiye kuri ibi bihushane vy'amatariki n'amamuko ya 'Plan S', Arthémon Simbananiye asobanura ko ari ikimenyetso ko abashaka kumuremeka inteba ishushe bata bagatora, ariko ata kimenyetso na kimwe gifadika bashingiyeko.

Arangiza kwandika kuri iki kibazo atanga iciyumviro c'aho akeka ico yise ikinyoma candurutse, ko rwari urwanko ubutegetsi bwa Kayibanda mu gihugu kibanyi c'Urwanda bwari bufitiye Uburundi rwabaye inyendamuvano y'iri rementanya.

Yemeza ko ata muntu n'umwe yigeze yerekena ibimenyetso.

Yari yemereye uwo wese yifuza kumenya ukuri kumwegera, igihe cose Imana yari ikimutije ubuzima hano kw'isi.

Yarangije ico gice asaba intege zo kubabarirana hagati yiwe n'abo ico kinyoma cababaje, ngo kuko nawe kubesherwa vyamubabaje.

'Gutembagaza ingoma yamuhaye'

Uretse ‘Plan Simbananiye, uwo muhisi yaravuzwe kandi mu bakoranye na Michel Micombero mu gutembagaza intwaro ya cami mu 1966.

Aho Umwami Ntare V Charles Ndizeye -uwo batembagaje- yari yamugize umushikirangoma [kera ni ko abashikiranganji bitwa] w'ubutungane.

Inyandiko nyinshi zivuga ko Arthémon Simbananiye ari nawe yatumye Umwami Ntare V Charles Ndizeye afatirwa muri Uganda yongera aratahanwa mu Burundi muri Ntwarante (3) 1972, arapfungwa mu nyuma yicirwa mw’ibohero rya Gitega mu kwezi kwa kane (Ndamukiza) mu 1972.

Mu 1971, Arthémon Simbananiye yaravuzwe kandi mu mugambi w'ifatwa ry'incabwenge z'Abatutsi bava cane cane i Muramvya, bagirijwe ko bashatse gutembagaza Prezida Micombero muri coup d'État yitiriwe Major Jérôme Ntungumburanye.

Ibi vyarangiye hari abaciriwe imanza zo gupfa, zo gupfungwa ubuzima bwose n'ibindi bihano bikomeye. Ariko nta n'umwe yanyonzwe.

Prezida Micombero yahavuye atanga imbabazi abisabwe n'abategetsi benshi bo kw'isi.

Uretse ivyo yanditse mu gitabo ciwe, Arthémon Simbananiye apfuye adashinze intahe imbere y’umugwi urondera ukuri kuri ivyo vyose avugwako no ku bindi ashobora kuba yari azi nk’umwe mu bagize uruhara muri kahise k'Uburundi ku kiringo c'imyaka hafi 30. Na cane cane imbere y’abari gushobora canke ivyari gushobora kumuhinyuza.

Mu mabanga yaciyemwo kuva mu 1962:

  • Umuyobozi mukuru w'ubutungane
  • Umunyamabanga wa reta ajejwe ubutungane (ku Mwami Mwambutsa)
  • Umushikirangoma w'Ubutungane (Ku Mwami Ntare V)
  • Umushikiranganji w'ubutungane
  • Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika
  • Umukuru w'urwego rw'iperereza
  • Umushikiranganji ajejwe imigenderanire
  • Umushikiranganji ajejwe amashure (ku ntwaro ya Micombero)
  • Uwuserukira Uburundi muri ONU no muri OUA (ku ntwaro ya Bagaza)

Artémon Simbananiye yari yavutse 1935 i Matana mu ntara Bururi mu bumanuko bw’Uburundi .