Intumwa ya ONU ku gateka ka zina muntu mu Burundi avuga ko hakiri intambwe yo guterwa

Yatangajwe

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n'agateka ka zina muntu mu Burundi, asaba leta y'u Burundi kwugurura urubuga kugirango abahunze ico gihugu bashobore gutaha mu bwisanzure.

Fortune Gaetan Zongo, aho aheruka mu rugendo yamazemwo iminsi icumi mu gihugu c'Ububirigi avuga ko abo babonanye mu vyo bamutuye bibabakiye harimwo kubanza kumenya ko batazokomeza gukurikiranwa hamwe no gusubira mu mirimo yabo ataco bikanga.

N'ubwo adahakana ko u Burundi bumaze gutera intambwe mw'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu, avuga ko hakiri agahaze kandi ko kumwima uburenganzira bwo kuja mu gihugu kuvyirabira, ari gusambura umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu u Burundi busanzwe burimwo.

Yabwiye Florentine Kwizera ko yabonanye n'abantu ku gatwe kabo hamwe n'abaserukira amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu n'ay’abanyamakuru, amusobanurira ivyo bamubwiye bibabakiye (umva ico kiganiro aho hejuru).