Uwari ajejwe kumenyesha amakuru wa Hezbollah yishwe mu gitero ca Israel i Beirut

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Mallory Moench
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, London
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Mohammed Afif yari ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Hezbollah yishwe mu gitero ca Israel hagati ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut, nk'uko vyemezwa n'uno muhari.
Igitero c'ejo ku wa Mungu cagemye icicaro gikuru c’umugambwe Baath mu karere ka Ras al-Naba gatuwemwo n'abantu benshi, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry'amakuru ryegukira reta ya Libani.
Ubushikiranganji bw'iki gihugu bujejwe amagara y'abantu buvuga ko abantu bane bishwe, ariko ntibuvuga amazina yabo.
Afif, yari umwe mu bategetsi bakeyi b'uno muhari bagisigaye, yaheruka kuboneka ku wa mbere w'indwi iheze, igihe yagirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu bumanuko bwa Beirut, aho uno muhari ukorera.
Hezbollah yemeje uru rupfu ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu, inyuma y'amasaha atari make inkuru itanguye gutangazwa.
Iki cicaro c’ishami ry’uno mugambwe wa Baath muri Libani carasambutse hafi cose muri ico gitero, abajejwe ubutabazi no gukingira abasivire bakaba baciye bihuta gutabara abantu batari bake bari bazibiriwe mu bihomoka, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru rya reta ryabitangaje.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko abantu 14 bakomeretse hampande y'aba bane bishwe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugambwe Baath wo muri Libani ni ishami ry'umugambwe Baath wo muri Syria urongowe na Perezida Bashar Al-Assad ukaba kandi ari incuti yo kuva kera ya Hezbollah.
Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati Lina Sinjab avuga ko ivyabaye vyateje impungenge ko Israel iriko yagura intambara yayo mu gukora ibitero ku bandi bantu atari abategetsi ba gisirikare ba Hezbollah. Hezbollah kandi ni umugambwe wemewe n'amategeko ufise abawuserukira mu nama nshingamateka n'abashikiranganji muri reta ya Libani.
Agira ati: "Vy’ukuri ibi biriko biratera ubwoba abantu babona ko ata mugambi wo kugabanya ubukana bw'ino ntambara, bakabona ahubwo ko ibintu bitera vyunyuka kandi ko Israel iriko yagura ibitero kuri Hezbollah mu bindi bibanza muri Libani."
Ku wa Mungu mu masaha yitereye, ikindi gitero hagati muri Beirut kw'ibarabara ryitiriwe Mar Elias cahitanye abantu babiri gikomeretsa abandi 13, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Libani bujejwe amagara y'abantu.
BBC yegereye abarongoye igisirikare ca Israel kugira bagire ico bavuga kuri iki gitero ca kabiri hagati muri Beirut, ariko nta nyishu iraronka.
Mu masaha ya kare yo ku wa Mungu, igisirikare ca Israel cavuze ko cakoze ibitero ku bigo bitandatu vya gisirikare vya Hezbollah mu bumanuko bwa Beirut.
Mu ndwi iheze, igisirikare ca Israel carongereje ibitero vyaco i Beirut, mu gihe hari utwigoro dushasha turongowe na Amerika two kurondera guhagarika ino ntambara.
Igihe yatangura ibitero kuri uno muhari ushigikiwe na Irani, Israel yishe umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah be n'intwazangabo nkuru z'uno muhari n'abandi bategetsi bakuru bawo mu bitero yakoze i Beirut mu mpera z'ukw'icenda.
Israel yavuga ko yashaka gusubiza mu zabo ibihumbi vy'abateshejwe izabo mu buraruko bw'igihugu inyuma y'ikiringo hafi c'umwaka Hezbollah yongereje ibitero vyayo vya muzinga mu gushigikira Abanyapalestina, inyuma y'igitero ca Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) 2023.
Kuva ico gihe, abantu barenga 3.400 barishwe muri Libani, harimwo nibura 2600 bamaze kwicwa kuva Israel itanguye ibitero vy'urutavanako vyo mu kirere vyakurikiwe n'igitero co ku butaka mu bumanuko mu mpera za Nyakanga (9), nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bwa Libani bujejwe amagara y'abantu.
Abandi bantu imiriyoni 1.2 nabo barateshejwe izabo.










