Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhindi bwanditse amateka mu kwururutsa Chandrayaan-3 hafi y’impera z’ubumanuko bw’Ukwezi
"Ubuhindi ubu buri ku Kwezi'' niko umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Narendra Modi yavuganye ibigumbagumba vyinshi igihe yariko ashikiriza ijambo abahinga bari bakoraniye mu cumba co gukurikirana ingene ico kigendajuru cururuka ku Kwezi.
We asanzwe ari muri Afrika y'Epfo mu nama y'ibihugu bigize Brics. Yavuze mu rurimi rw'igihindi ati ariko umutima n'ubwenge biri kumwe na Chandrayaan-3 nk'uwundi uwari we wese mu gihugu.
Yakeje abahinga ba Isro (ikigo kiraba ivyo mu kirere mu Buhindi) n'abandi Bahindi bose kubera iyo ntambwe ikomeye cane.
Gushika ubu ibihugu bine vyonyene kw'isi nivyo bimaze kwururutsa neza ikigendajuru ku Kwezi -Reta Zunze Ubumwe za Amerika, icahoze ari URSS, Ubushinwa n'Ubuhindi.
Ariko, Ubuhindi bubaye ubwa mbere bwururukije ikigendajuru ku mpera z'ubumanuko bw'Ukwezi.
Kuki barondera kumenya ingene ubumanuko bw'Ukwezi buteye?
Ku bwa Nasa, impera z'ubumanuko bw'Ukwezi zuzuyemwo amayobera menshi, ubuhinga n'ibintu vyinshi vyihishije''.
Hari imanga nyishi zimaze imyaka ama miriyaridi zidashikirwa n'umuco w'izuba, aho ubushuhe bushobora kumanuka gushika kuri degere 248 munsi y'ubusa (-248 Celcius).
Amazi ni imwe mu mvo zituma abahinga barondera kumenye ingene aho hantu hateye.
Abahinga bibaza ko amazi yiyegeranirije muri izo ntara zo ku mpera ku gihe c'imyaka ama miriyaridi vyoheza bikabaha ibipimo bakihweza bakamenya vyinshi kuri kahise k'amazi ku mibumbe ikukira izuba.