Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo zitanu za Amerika zapfuye mw’isanganya rya kajugujugu mu buseruko bwa Mediterane
Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gitangaza ko abasirikare baco batanu bapfuye mw’isanganya rya kajugujugu aho bari mu myimenyerezo mu buseruko bw’ikiyaga Méditerranée, ni hafi ya Israel.
Kivuga ko iyi ndege yagize isanganya iriko iranywa igitoro mu gihe yari mu bikorwa vya misi yose vy’imyimenyerezo.
Amerika yarongereje ibikorwa vyayo mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati kuva intambara hagati ya Israel na Hamas yadutse.
Perezida Joe Biden yahaye icubahiro abapfuye, avuga ko aba basirikare “bashira ubuzima bwabo mu ngorane kubera igihugu cacu buri musi”.
Ati: "Turasabira imiryango y’aba barwanyi uno musi na buri musi”.
Itangazo ry’igisirikare ntirivuga aho iyo ndege yari ivuye n’aho iri sanganya ryabereye.
Ariko Amerika yararungitse amato abiri yikorera indege z’intambara, co kimwe n’amato be n’indege vy’intambara, mu buseruko bwa Méditerranée mu kwezi guheze.
Irungikwa ry’ibi bikoresho ryerekana ko Amerika ifise impungenge ko intambara hagati ya Hamas na Israel ishobora gukwirakwira mu bindi bice vy’aka karere.
Ariko cane cane, Amerika ishaka kuzibira umuhari Hezbollah ukomeye cane muri Liban/Lebanon kwinjira muri iyi ntambara.
Ushigikiwe na Iran, ari nayo isanzwe iha umuhari Hamas amahera n’ibirwanisho.