Intambara ya Ukraine: Igikono c'ibitoro caturiwe na 'drone' muri Crimee

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi b'akarere ka Crimee kigaruriwe n'Uburusiya bavuga ko igitero c'indege itagira umudereva (drone) caturiye itangi y'ibitoro.
Amasanamu yo ku mbuga hwaniro yerekana urubeya mu kibanza c'i Sevastopol, igisagara gikuru ca Crimee, hakiri kare ku musi wa gatandatu.
Mu nyuma uwo muriro wazimijwe kandi nta n'umwe yagize ico abat, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ako karere yagenywe n'Uburusiya.
Ku musi wa gatanu Uburusiya bwaratanguje ibitero vyo mu kirere ku bisagara hirya no hino muri Ukraine, bihitana n'imiburiburi abantu 25. Vyari bibaye ibitero vya mbere nk'ivyo muri aya mezi.
Intara ya Crimee yigaruriwe n'Uburusiya mu 2014, ni ho haba amato menshi y'intambara y'ico gihugu mu Kiyaga Cirabura.
Umukuru w'iyo ntara Mikhail Razvozhayev yavuze mu butumwa ku rubuga rwa Telegram ati:"Mfatiye ku nkuru zimaze kumenyekana, [uwo muriro] waturutse ku gitero ca drone."
Ico gitero kibaye inyuma y'imisi itanu abategetsi b'Uburusiya bavuze ko bakumiriye igitero ca drone c'igisirikare ca Ukraine muri ako karere nyene. Crimee iramaze kugirwako ibitero vy'urutavanako kuva intambara itanguye muri Ukraine.
Ibitero vy'Uburusiya vyo ku musi wa gatanu, harimwo igitero ku gorofa cishe abantu 23 - harimwo abana bane - mu gisagara kiri hagati muri Ukraine ca Uman.
Hanyuma umugore hamwe n'umwana wiwe w'umukobwa w'imyaka itatu bariciwe mu gisagara ca Dnipro.
Igisagara ca Kyiv kandi caratewe ubwa mbere mu misi 51. Nta nkuru zivuga ko hoba hari uwapfuye.
Misile 21 kuri 23 hamwe na drone zibiri vyarakorowe n'ibigwanisho vya Ukraine bicungera ikirere nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi avuga ko igisirikare ciwe cateye ahari abasirikare ba Ukraine b'integabizoza. Uburusiya bwaheruka kuvuga ko butigera butera n'ibigirankana abasivile, ariko abantu ibihumbi n'ibihumbi barakomeretse abandi baricwa hirya no hino muri Ukraine kuva Uburusiya buteye ico gihugu.
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo bitero vyerekanye ko hagikenewe ko amakungu afatira izindi ngingo Uburusiya.
Ku musi wa gatanu, kuri Twitter yagize ati:"Ikibi gishobora guhagarikwa n'ibigwanisho ... kandi gishobora guhagarikwa n'ibihano -Ibihano vy'amakungu bikwiye gukomezwa."
Ivyo bitero bibaye mu gihe ingabo za Ukraine zivuga ko ziteguriye gutanguza ibitero vya gisirikare vyo gusatira n'ibigwanisho bishasha zahawe n'ibihugu vya Buraya vy'incuti.
Uburusiya bwarananiwe gusatira mu gihe c'imbeho, harimwo n'amezi 10 y'intambara yo gushaka kwigarurira igisagara ngirakamaro cane ca Bakhmut.










