Ukraine: Abarenga 10 baguye mu bitero vya misire vy’Uburusiya ku bisagara bitari bike

Ahavuye isanamu, Ukraine State Emergency Service
- Umwanditsi, Hugo Bachega i Kyiv & Kathryn Armstrong i Londres
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Uburusiya bwakoze ibitero vyo mu kirere ku bisagara bitari bike vya Ukraine, harimwo na Kyiv, aho abantu nibura 12 ari bo bamaze kumenyekana ko bishwe.
Cumi bapfuye mu gisagara ca Uman kiri hagati mu gihugu inyuma y'aho ibisasu vya misire bigwiriye ku nzu zituwemwo n'abantu, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.
Amasanamu yacishijwe ku mbuga hwaniro ava muri ico gisagara yerekana inyubakwa y’inzu icenda zigerekeranye yononekaye cane iguweko n’igisasu.
Hari kandi ibibombe vyaturikiye mu bisagara vya Kremenchuk na Poltava, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru Interfax.
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko inzu cumi zituwemwo n’abantu mu gisagara ca Uman zononekaye, akavuga kandi ko ibi bitero vyerekana ko amakungu akeneye gufatira ingingo Uburusiya.
Yanditse kuri Twitter ati: “Ikibi kirashobora guhagarikwa n’ibirwanisho – ingabo zacu ziriko zirabikora. Kirashobora kandi guhagarikwa n’ibihano – amakungu ategerezwa gufata ibihano bikomeye.
Ku mugwa mukuru Kyiv, ibisasu vya misire 21 kuri 23 hamwe n’indege zibiri z’intambara zo mu bwoko bwa zimwe zitagira abadereva (drones), vyakorowe hakoreshewe ibirwanisho vyo gukingira ikirere, nk’uko abategetsi babivuga mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Telegram.

Ahavuye isanamu, Social media
Umukuru wa gisirikare mu gisagara ca Kyiv avuga ko iki ari co gitero ca misire ca mbere c’Uburusiya ku mugwa mukuru mu misi 51.
Nta makuru arasohoka avuga nimba hoba hari abasivire bishwe canke bakomeretse ku mugwa mukuru.
Ibi bitero bibaye mu gihe ingabo za Ukraine zizwi ko ziriko zirategura igitero rurangiza zikoresheje ibirwanisho bishasha, birimwo vya bimodoka ntamenwa (chars) vyatanzwe n'incuti za Ukraine zo mu burengero.
Uburusiya ntibworohewe mu ntambara yo mu gihe c'ubukonje bwinshi (hiver/winter) aho bwarondera gutera intambwe ku rubuga rw'intambara, harimwo urugamba rumaze amezi cumi rwo kurondera kwigarurira igisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko bwa Ukraine.










