Umugore yamenyekanye cane inyuma yo gutambana na Obama yasandavye ku myaka 113

Yatangajwe

Na Lindsay Brown

Newsbeat

Umugore wo muri Washington DC yashitse ku ndoto ziwe zo gutambana na Perezida Barack Obama muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika) yasandavye, afise imyaka 113.

Virginia McLaurin yari afise imyaka 106 igihe abonana n'umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure ari kumwe n'umugore wiwe, hari mu 2016.

Ico gihe yabwiye Obama ati: "Ndakubwire, numva nezerewe cane. Umukuru w'igihugu w'umwirabure, ego, n'umugore wiwe w'umwirabure".

Mu 2014, uyu mutamakazi yasohoye urwandiko rwazungurutse cane asaba kubonana n'umukuru w'igihugu.

Yanditse ati: "Nitwa Virginia McLaurin. Mba i Washington DC. Navutse mu 1909."

"Si ndigera mpura n'umukuru w'igihugu. Si nigeze nibaza ko nari kubaho gushika aho mbona umukuru w'igihugu atari umuzungu kubera navukiye mu bumanuko kandi ntashobora kwiyumvira ko bishobora gushika.

"Ndanezerewe kandi noryoherwa cane ari nka hamwe nobonana na wewe n'umuryango wawe nimba vyokunda".

Uyu yahoze ari umushonyi yabandanije ati: "Ndibuka ibihe imbere ya Perezida [Herbert] Hoover.

"Ndibuka tudafise umuyagankuba. Nari mfise itara ryakoresha igitoro. Ndibuka imodoka ya mbere ya Ford.

"Umugabo wanje yari mu gisirikare. Nabuze umugabo wanje mu 1941. Kuva ico gihe mba i Washington DC. Naba ngaha igihe Martin Luther King yicwa".

Muri video Virginia yavuze ko yari acibuka igihe c'imbere y'uko atangura ishure.

"Nari akana gato. Nta mazi meza twari dufise muhira. Twategerezwa kuja kuvoma mu kinogo.

Virginia McLaurin yavutse mu 1909. None ubuzima bwari bumeze gute ku banyamerika ico gihe?

Iyi modoka yo mu 1909 yunguruza abantu ishobora kuba ari imodoka wari kuba ugendesha...

Indege za mbere zariko ziraguruka, ku buhinga bw'abavukanyi babiri b'umuryango wa Wright ...

Iyi yari imikino bakina - bambaye utu dukabutura tw'abagore

Ariko ntibwari ubuzima bworoshe kuri bose ....

Mu 1909, Amerika yariko itera imbere abantu bashasha binjira umusi ku musi - cari igihugu c'ubwigenge

Ariko ubuzima ku banyamerika bari bafise amamuko muri Afrika nka Virginia McLaurin bwari bukiri inyuma.

Yavutse ata burenganzira na bumwe yari afise.

Nico gituma yari aryohewe cane kubona yarabayeho akibonera - akongera agatambana - n'umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure.

Hanyuma umwaka wa 1909 ntiwari mubi cane ku banyamerika bamuka muri Afrika.

Muri uwo mwaka Virginia avuka, niho hashingwa ishirahamwe National Association for the Advancement of Colored People (NAACP) ryaharanira uburenganzira bw'abanyagihugu atari abazungu.

Igikorwa caryo ni "Uguharanira uburenganzira bwa poritike, indero, imibereho myiza n'ukurwanya ubusumbane hagati y'abantu mu vyo ubutunzi, be no kurwanya urwanko n'ikumira bishngiye kw'ivanguraruhu".