Umukobwa arwaye kanseri muri Uganda: Ingene ukuronka indaro vyarokoye ubuzima bwanje

Dorcas Cherop ariko arakina
Insiguro y'isanamu, Na Anne OkumuBBC News, Kampala
Yatangajwe

Kazoza ka Dorcas Cherop w'imyaka 14 ntikari keza igihe umuryango wiwe wabwirwa ko akeneye kwivuza kanseri y'agasaho k'umukoyo/uruhago (bladder cancer) mu kiringo c'umwaka mu Uganda.

Ingorane si ukuronka gusa uburyo bwo kwivuza bisanzwe ari ku buntu mu kigo ca Uganda Cancer Institute (UCI), ariko uburyo bwinshi burimwo ubwo kwiyunguruza kenshi uja ku murwa mukuru, ubwo kuronka aho umuntu arara no kwiyunguruza kenshi uja kwa muganga.

Uyu mwigeme yabwiye BBC ati: "Data na mama ni abarimyi kandi nta mahera akwiye bari bafise yo kunjana i Kampala mvuye i Kapchorwa mu buseruko bwa Uganda."

Yasuzumwe igihe yari afise imyaka 11 mu 2020 kandi mu gihe yariko arakoresha ibipimo vyo kwa muganga, nyinabo Stella Chepchirir avuga ko bategerezwa gukora urugendo rutoroshe rwo kubonana na muganga uko indwi zibiri ziheze.

Chepchirir yavuze ati: "Vyari bimeze nabi. Igihe kimwe umuryango wariyumviriye kubiheba no guca usubira imuhira.

"Amahera yaraduheranye. Ariko ikibabaje yari ukubona ingene yababara turi mu rugendo rw'amasaha 7 rwo gutaha tuva i Kampala."

Ingorane zabo ntizari izisanzwe mu gihugu co mu buseruko bwa Afrika, aho biregeranywa ko mu 2021 umwe mu bana 3 bagwaye kanseri aheba kwivuza kubera kubura ubwo buryo.

Muganga Joyce Balagadde-Kambugu, umuyobozi w'igisata co kuvura abana kanseri (head of paediatric oncology) muri UCI, avuga ko abana benshi barwaye kanseri nka Dorcas bava mu ntara za ruguru (mu cyaro).

"Abana bari hagati ya 80 na 85% barwaye kanseri bava mu miryango y'abarimyi babeshejweko n'amadolari ari munsi ya 3/£2.50 ku kwezi."

Avuga ati: "Twagize ikibazo kibabaje cane, hafi ibice 50% vyo guheba kwivuza kubera ibi."

Umurwayi aryamye hasi mu bitaro

Ahavuye isanamu, BCF

Insiguro y'isanamu, UCI yahuje ''abarara hasi mu bitaro'' na Bless a Child Foundation
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiharuro vy'abana baheba kwivuza birahinduka umwaka ku mwaka, mu 2021 vyari hafi 30% - bisigura ko hafi abagwayi 1000 ba kanseri binjizwa mu bitaro vya UCI buri mwaka, 300 bonyene aribo baheza kwivuza.

Muganga Balagadde-Kambugu avuga ko abarwayi benshi bava mu ntara zitandukanye z'igihugu bakeneye mu bisanzwe gutura i Kampala kuva ku mezi 6 gushika kuri 7 na rimwe na rimwe bakahaba imyaka.

Kuvura kanseri birimwo chemotherapy isanzwe - uburyo bwo gukoresha imiti irandura/yica ningonga imigera ya kanseri mu mubiri.

Imiryango imwe imwe itorera inyishu y'akanya gato iyo baje kwivuza ariyo kwibera mu makoridoro y'ibitaro, kuryama ahantu hasi hakanye bakipfuka ikirengeti c'ubwoya nk'uburyo bwo kwikinga imbeho.

Abakozi b'ibitaro babita ''abaryama hasi'' (floor cases).

Muganga Balagadde-Kambugu avuga ko ibi bifise ingaruka mbi ku magara y'abana aho bamwe bahandurira indwara nka malariya n'ugucibwamwo.

Ishami ry'ubuvuzi bwa kanseri y'abana ubu rirakorana n'abagiraneza bariko baratanga ubufasha.

Umuryango wa Dorcas w'i Kapchorwa, wari warihebuye mu myaka 3 iheze ko utazobandanya kumuvuza, waronse ubutumwa utari witeze buvuye ku mugabo akora muri UCI.

Yabahuje n'ikigo Bless a Child Foundation (BCF), giha uburaro ku buntu abana barwaye kanseri mu minsi baba bariko barivuza.

BCF yatoreye umuti ikibazo c'indaro

BCF yashinzwe mu 2010, yatanguye iha indaro abana bashika kw'icumi bagwaye kanseri mu nzu imwe i Kampala.

Yahavuye yagura ibikorwa gushika ku buraro bune, bubiri buri i Kampala, bumwe buri mu burengero mu gisagara ca Mbarara n'ubundi bumwe i Gulu mu buraruko.

Uburaruro bumwe bwose bushobora kwakira abana bagera kw'ijana n'umurezi umwe, ubu naho bararonka ico bafungura, umwigisha abigishiriza ngaho nyene, uwubafasha mu magara yo mu mutwe n'ubuzima bwiza (psycho-social support), uburyo bwo kwiyunguruza baja canke bava kwivuza mu minsi yo kuja kwa muganga.

Yicaye ku ruvuma mu busitani bwa BCF i Kampala, Dorcas yabwiye BBC ati: "Turaronka ibintu vyose, kuva ku mfungurwa gushika ku mpuzu."

Abana bamwe bari aho hafi bariko barakina urubugu n'utundi dukino tw'abana, uwundi murwi wariko uratamba umuziki.

Abana bariko barakina

Ahavuye isanamu, BCF

Insiguro y'isanamu, Mu buraro bwa BCF hari udukino twinshi tw'abana n'ubufasha ku bahaba/bahatuye

Akamwemwe kabo ni umuti uvura abaryango babo bababaye.

Peter Genza, umwe mu bashinze BCF, avuga ko kuva mu myaka 13 iheze, uburaro bwa BCF bumaze kwakira abana barenga 6.000.

Yabwiye BBC ati: "Dutanga uburaro, ubufasha bw'amagara yo mu mutwe n'ubuzima bwiza (psycho-social), imfashanyo ku bapfushije ababo, udukino tuvura (play therapy), gusubira kubigisha ivya nkenerwa mu buzima (remedial education) n'ibindi vyose bakeneye bariko barahabwa ubuvuzi.''

Nk'uko bivugwa na Muganga Balagadde-Kambugu, uyu mugambi wagize ingaruka nziza - urugero rw'abaheba kwivuza rwaragabanutse cane kuva mu mwaka uheze rugera ku bice 9%.

Avuga ko bidashoboka ko yokwemeza ko vyavuye kuri ubwo buraro buha ubufasha abana gushika ku bafise imyaka igera kuri 15 ariko yumva ko harico vyafashije.

Kuri Dorcas, yiyemeje kurwanya iyo ngwara, ibi vyagize impinduka nini cane.

Avuga ati: "Ndaryohewe cane kandi sinkibabara nko mu minsi iheze. Ndashimiye iki kigo campaye ubuzima bushasha."

Uyu mwigeme yarasubiye iwabo kandi azogaruka i Kampala mu kwa 12 kwisuzumisha ko ariko arakira.