Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump na Putin bazobonana mu minsi iza, bivugwa na Kremlin
- Umwanditsi, Rachel Hagan na Laura Gozzi
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump na mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin bumvikanye kuzobonana mu ''minsi iza''. nk'uko vyavuzwe n'ibiro vy'umukuru w'Uburusiya, Kremelin.
Bivuzwe inyuma y'aho Trump avugiye ko hari ''amahirwe menshi'' ko ashobora kubonana n'abakuru b'Uburusiya na Ukraine bari kumwe imbona nkubone ''vuba cane'' kugira bavugane ingene intambara yo muri Ukraine yorangira.
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko ashigikiye ico ciyumviro, mu gihe Putin yavuze ko atanka guhura na Zelensky yamara ko ''ari kure kure'' cane y'uko biba.
Ikiringo ntarengwa Trump yahaye Uburusiya kugira bwumvikane kw'ihagarikwa ry'intambara canke naho bufatirwe ibihano kizorangira kuri uyu wa gatanu.
Iyo nama na Trump iramutse ibaye izoba ikurikiye urugendo rw'intumwa yiwe Steve Witkoff aho yabonanye akaganira na prezida Putin ku wa gatatu.
Witkoff yari amaze kuja i Moscou kane, ingendo zagumye zikurikirwa n'icizera ca Trump ariko mu nyuma ntihagire intambwe ifadika iterwa mu biganiro vy'amahoro.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku biro vya Maison Blanche ku wa gatatu mw'ijoro, Trump yabajijwe kandi niba umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin baremeye uwo mubonano w'abantu batatu aca avuga ko hari ''icizere kinini cane''.
Ku wa kane, Putin yavuze ko Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu zishobora kwakira iyo nama ya be na Trump, ishobora kuba mbere no mu ndwi iza.
Yavuze kandi ko ari ''kure cane'' yo guhura na Zelensky kuko ''ibikenewe'' bitarakwira kandi ko ''hagisigaye vyinshi cane vyo gukora kugira ivyo bikenewe bishikweko''.
Putin yigeze kuvuga ko yohura na Zelensky mu ntambwe ya nyuma y'ibiganiro gusa. Ukraine n'ibihugu vya Buraya bicuditse birayimiriza ibisabwa n'Uburusiya kugira intambara irangire.
Zelensky yavuze ko ashigikiye iyo nama, yemera ko hizwe uburyo butandukanye bw'inama zoba - ''zibiri z'impande zibiri n'iyindi y'impande zitatu'' - yongerako ko Uburaya ''butegerezwa kuba buri'' mu biganiro ivyo ari vyo vyose.
Yanditse kuri X ati: ''Ukraine ntitinya kubonana kandi yiteze iyo ngendo y'ubutwari ku ruhande rw'Uburusiya.''
Mu kwezi guheze, Trump yaremeye kuri BBC ko inyuma y'ingendo zine za Witkoff yari amaze kugira mu Burusiya, Putin yamubanye uwundi mu gihe ibiganiro ubwa mbere vyari vyatumye haba icizere.
Ubu umukuru wa Amerika arigengesera mu kugira icizere, aho yabwiye abamenyeshamakuru ku wa gatatu ati: '' Sindavyita intambwe ikomeye cane... tumaze igihe kirekire turiko turabirondera. Hari abantu bakiri bato ibihumbi bariko barapfa ... ndondera ko ivyo bintu bihera.''
Imbere y'aho, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yasohoye itangazo ridatomoye ku vyerekeye urugendo rwa Witkoff rivuga ko vyari ibiganiro ''vyubaka'' kandi ko impande zompi zahanahanye ibimenyetso.
Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko yavuganye na Trump ku bijanye n'urugendo rwa Witkoff, kandi ko n'abategetsi ba Bulaya bakurikiranye iki kiyago co kuri terefone.
Zelensky abandanya agabisha ko inzira yonyene yotuma Uburusiya bufata ingingo ziboneka ari uko amahera yobuherana.
Icizere si kinini ko gushika ku wa gatanu umuti uzoba wabonetse, mu gihe Uburusiya bubandanya ibitero vy'urutavanako vyo mu kirere kuri Ukraine n'ubwo Trump yabugabishije ko ashobora kubufatira ibihano.
Mu gihe igitutu kiguma congerekana, ku wa gatatu Trump yateye igikumu kw'itegeko-bwirizwa ryo kuduza amakori y'inyongera ku rugero rwa 25% ku Buhindi kubera bugura igitoro c'Uburusiya.
Imbere y'uko ashikirizwa ubutegetsi muri Nzero (1), Trump yavuga ko yari gushobora guhagarika intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine mu musi umwe. Intambara ibandanya yiha inkumbi, kandi kuva ico gihe imvugo yiwe ku Burusiya si iyo gushishitira.
Ibiganiro bimaze kuba incuro zitatu hagati ya Ukraine n'Uburusiya i Istanbul muri Turukiya vyarananiwe no guhagarika intambara imaze imyaka itatu n'igice kuva itangujwe n'Uburusiya.
Ibisabwa n'Uburusiya mu vya gisirikare na poritike kugira ngo haboneke amahoro ni ibintu Ukraine n'incuti zayo zo mu Burengero badashobora kwemera. Kremlin imaze kandi kwanka incuro zitari nke ivyo Ukraine isaba ko hoba umubonano hagati ya Zelensky na Putin.
Mu vyo Uburusiya busaba harimwo ko Ukraine kiba igihugu ata na hamwe cegamiye, kikagabanya cane igisirikare caco kandi kigaheba umugambi waco wo kwnjira muri Otan.
Bushaka kandi ko ingabo za Ukraine ziva mu ntara zine za Ukraine bwifatiye ibicebice mu bumanuko bushira ubuseruko ari zo Donetsk, Luhansk, Kherson na Zaporizhzhia, hamwe na Crimee bwiyometseko.
Ibindi busaba harimwo ko Ukraine itinjira mu runani na rumwe rwa gisirikare, urugero ntarengwa rw'igisirikare ca Ukraine, Ikirusiya nk'ururimi rw'igihugu, no kuvanaho ibihano mpuzamakungu ku Burusiya.
Ibiro vy'umukuru w'Uburusiya, Kremlin, vyagumye kandi vyanka ibisabwa na Ukraine ko haba inama ya Zelensky na Putin.
Hagati aho, ku wa kabiri, ubutegetsi bwa Amerika bwaremeje inyongera y'imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine ifise agaciro k'imiriyoni 200 z'amadorari y'Abanyamerika, harimwo no guhingura indege zitajamwo abadereva (ama-drone).