Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Benzema ntazokinira igikombe c'isi kubera igikomere co kw'itako
Umukinyi w'imbere w'Ubufaransa ntazoja mu nkino z'igikombe c'isi ca 2022 muri Qatar inyuma yo gukomereka kw'itako ari mu myimenyerezo.
Benzema yatsindiye 'Ballon d'Or' ya 2022, agashimwe gahabwa umukinyi wa mbere kw'isi buri mwaka mu mupira w'amaguru, inyuma yo gufasha umugwi wiwe wa Real Madrid gutwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo n'ico ihiganwa ryo muri Espagne, La Liga.
Umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa uvuga ko yagize ikibazo kw'itako, ko hari igihe atoshobora kuja muri iryo higanwa.
Wongeyeko uti:"Umugwi wose usangiye umubabaro na Karimi kandi umwipfurije gukira vuba."
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubufaransa rivuga ko ibipimo vyemeje ko yakomeretse kw'itako "bikaba bimusaba kumara indwi zitatu kugira atore mitende".
Ubufaransa buri mu mugwi wa D, bukaba buzokina na Australia itariki 22 z'ukwezi kwa Munyonyo (11), na Danmark itariki 26 z'ukwezi kwa Munyonyo (11) hamwe rero na Tunisia itariki 30 z'uko kwezi nyene.
Umumenyereza mukuru Didier Deschamps afise gushika ku wa mbere ngo abe yatanze izina ry'uwumusubirira, kandi ikikomere ca Benzema w'imyaka 34, amaze gutsindira Ubufaransa ibitego 37 mu nkino 97, n'ikindi gihombo gikomeye kuri uwo mugwi waheruka gutwara ico gikombe c'isi.
Bari basanzwe badafise abakinyi bo hagati Paul Pogba na N'Golo Kante kubera gukomereka, aho ni mu gihe n'umukinyi w'inyuma wa Manchester United Raphael Varane ariko aragerageza kwimenyereza kugira azoshobore gukina inyuma yo kutagaragara mu nkino z'itanu z'umugwi wiwe.
Ku musi wa gatatu, umukinyi w'imbere wa RB Leipzig Christopher Nkunku yarakuwe muri mu mugwi w'abazokina muri iryo higanwa inyuma yo gucumbagira bari mu myimenyerezo, aho haciye hahamagarwa umukinyi wa Frankfurt Randal Kolo Muani ngo amusubirire.
Umukinyi w'imbere wa Manchester United Anthony Martial n'umwe mu bashobora guhamagarwa kuza gusubirira Benzema, yari amaze imisi afise ikibazo co mw'itako kuva mu kwezi kwa cumi.
Uwo mukinyi wa Real Madrid amaze gukinira uwo mugwi iminota idashika 30 mu nkino zitandatu ziheze.
Yaciye aja gupimwa inyuma y'imyimenyerezo yo ku wa gatandatu - Bwari bubaye ubwa mbere agize imyimenyerezo akayirangiza kuva abagize umugwi uzoja mu nkino z'igikombe c'isi bagiye hamwe bose mu ndwi iheze.
Deschamps yagize ati:"Ndatewe ikigongwe cane na Karim yari yagize intumbero nya mukuru iki gikombe c'isi.
"N'aho ibi bibaye, ndacafitiye icizere umugwi wanje. Tuzokora uko dushoboye kugira turangize igikorwa kitoroshe kiturindiriye."