Uburusiya bwagize ibitero vy'urutitsa vya drone kuri Kyiv mw'ijoro rya kabiri bwikurikiranya

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Emily McGarvey
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ubutegetsi bwa gisirikare mu gisagara ca Kyiv buvuga ko Uburusiya bwagize ibitero vyinshi vya drone muri ico gisagara ijoro rya kabiri bwikurikiranya.
Serhiy Popko arongoye ubutegetsi bwa Kyiv avuga ko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwa Ukraine bwakoroye drone 10 muri ico gisagara no mu micungararo yaco.
Avuga "Nta vyononekaye cane" kandi ntabahasize ubuzima.
Hagati aho, abategetsi b'Uburusiya bavuga ko drone ya Ukraine yari igiye i Moscou yakorowe kuri uyu wa gatandatu.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko indege itagira umudereva (UAVs) yatangiriwe iteye mu karere ka Bogorodsky, mu buraruko bushira ubuseruko, mu micungararo y'umugwa mukuru.
Umukuru w'igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin avuga ko atacononekaye canke ngo hagire uwupfa.
Ibitero vyo mu kirere vyo ku wa Mungu bitumbereye Ukraine bikurikiye ivyo mw'ijoro ry'imbere y'aho, aho Ukraine ivuga ko yakoroye drone zikorerwa muri Iran 29 kuri 38 zatewe n'Uburusiya.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ngo imenye inkuru ata ho zegamiye za drone zatewe n'izasambuwe.
Ku musi wa Mungu, prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yashimagije ubuhinga bw'ico gihugu bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere kuba bwakoroye UAVs - igitigiri kinini bivugwa ko catewe n'Uburusiya mu ndwi zirenga zitandatu.
Mw'ijambo ryiwe mw'ijoro, Zelensky yagize ati:"Ukugema kwanyu, ni bwo buzima bwa Ukraine" - ariko yagabishije ko mu gihe igihe c'imbeho cegereje, Uburusiya bushobora kugerageza kwongereza inguvu z'ibitero vyabwo.
Yavuze ko Uburusiya bushobora kubika misile buzokoresha mu kugira ibitero ku bigo bitanga umuyagankuba muri Ukraine.
Ibitero vya drone vyo ku wa gatanu mw'ijoro vyaratumye umuyagankuba ucika mu bisagara birenga 400 n'ibigwati muri Ukraine hose, vyongera vyonona ububiko bw'igitoro muri Odesa mu bumanuko - bituma abantu barenga 1.500 bahaba babura amatara.
Ukraine ivuga ko abantu bababa 21.000 bo mu karere Donetsk batagira amatara, kandi ko n'ibibanza 63 bitagira umuyagankuba mu karere ka Zaporizhzhia.
Mu gihe c'imbeho giheze, ibitero vy'Uburusiya vyasize abanye Ukraine ibihumbi n'ibihumbi batagira umuyagankuba amasaha menshi kandi mu mbeho izura inzara.
Hagati aho, uburongozi bw'igisirikare ca Ukraine bwavuze ku musi wa gatandatu ko ingabo z'ico gihugu "zibandanya kuguma mu birindiro biri mu bubamfu (ubuseruko) bw'uruzi Dnipro."
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko muri iyi ndwi bashitse hakurya mu burengero bw'uruzi Dnipro ku birometero 30 uvuye mu gisagara ca Kherson.
Urwo ruzi rwagabura ingabo za Ukraine n'izo Uburusiya kuva ingabo z'ico gihugu zivanye Kherson haraciye umwaka.
Ku musi wa gatandatu, uburongozi bwa gisirikare bwarasiguye uko ibikorwa vya gisirikare vyifashe mu buseruko bw'urwo ruzi "abasirikare bacu bariko barakomeza ibirindiro barimwo banarasa ku bigaruriye uturere twacu."
Uburusiya bwaremeje itariki 15 z'ukwezi kwa cumi na rimwe ko "utugwi duto duto" tw'abasirikare ba Ukraine twashinze ibirindiro mu kigwati ariko buvuga bushimitse ko bahatakarije vyinshi kandi ko ata mahirwe bafise yo kuhamenera.
Ku musi wa kane, Zelensky yavuze ko Uburusiya "buriko buregeranya misile kandi mu gihe Ukraine itagira " ukwikingira 100% "ibitero bivuye muri ico gihugu, ariko ko ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere bumeze neza gusumba mu mwaka uheze.










