Ukraine ivuga ko Uburusiya bwakubise ibibanza 118 ku musi umwe

Ahavuye isanamu, Vlada Liberova / Libkos via Getty Images
- Umwanditsi, Na Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Uburusiya bwacucagiye ibibombe ku bisagara n’ibigwati 118 vya Ukraine mu masaha 24, igitigiri kinini gusumba iyindi misi yose muri uno mwaka, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Ukraine, Ihor Klymenko.
Avuga ko intara 10 kuri 27 zatewe kandi ko ibi bitero vyahitanye abantu bikomeretsa abandi.
Vyinshi mu bibanza vyatewe biri hafi y’urwasiro mu buseruko no mu bumanuko.
Kuva amayinga atari make, Uburusiya bwashize inguvu za gisirikare hafi zose kuri Avdiivka, igisagara gikomeye mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.
Umutegetsi w’akarere, Vitaliy Barabash, avuga ati: "[Avdiivka] iriko irafutwa, iratabagurwa. Ku musi umwe uheze, habaye ibitero ruhasha vya bombe birenga 40 ku butaka bw’aka karere.”
Avuga ko abasivire babiri bishwe yongera agabisha ko Uburusiya buriko buregeranya uburyo kugira ngo bukore ikindi gihuhusi c’ibitero ku ncuro ya gatatu. Ukraine ivuga ko Uburusiya bubandanya bwongereza inguvu muri ako karere kugira ngo bugote bwongere bwigarurire iki gisagara.
Ku wa kabiri, ibitero 20 kuri Avdiivka yonyene vyarasubijwe inyuma, nk’uko bivugwa n’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine.
Uburusiya kandi bwongereje ibitero ku gisagara ca Kupyansk mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Kharkiv bukaba kandi buriko burondera kubuza ingabo za Ukraine kubohoza ubutaka bwo mu micungararo ya Bakhmut.
Hari kandi n’ibitero vyabaye hanze y’urwasiro, mu karere kuzuye amagorofa, amaduka n’ubuguriro bw’imiti mu gisagara ca Nikopol kiri mu bumanuko ku nkengera y’uruzi Dnipro, hamwe n’ahitwa Kremenchuk, aho uruganda rwo guhingura igitoro rutagikora rwaturiwe n’indege y’Uburusiya itagira umudereva (drone).
Uru ruganda ruri mu ntara yo hagati ya Poltava rwatewe incuro zitari nke n’Uburusiya, abategetsi bakavuga ko rwatewe mu gaturuturu ko ku wa gatatu.
Uru ruganda ruhingura igitoro rwa Kremenchuk rwari rwo rwa mbere runini muri Ukraine imbere y’uko ibitero vy’Uburusiya birwonona amayinga make inyuma y’aho butanguriye iyi ntambara.
Igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi gushika ubu kimaze gutera intambwe nto cane mu rugamba rwo kubohoza ubutaka bwigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya mu bumanuko no mu buseruko, ivyatumye haba ubwoba ko ibihugu vy’uburengero bishobora kuruhishwa n’iyi ntambara.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine aremera ko intambwe ari nto, akabandanya asaba incuti za Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) gutanga vyihuta ibirwanisho bigezweho, no kuguma zunze urunani.
Ejo ku wa gatatu, umukuru w’igisirikare ca Ukraine yagabishije ko intambara yariko itera ija mu gihe co kudindira.
Mu nkuru y’ikinyamakuru The Economist, Valerii Zaluzhny avuga ko ibi vyoba ari akunguko kuri Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) mu “kuyiha akaryo ko gusubira kwiyubaka gisirikare”.
Zaluzhny agabisha ko n’aho buhatakariza cane, Uburusiya bugifise “igihagararo kinini mu bijanye n’ibirwanisho, uburyo, misire n’amasasu”, agasaba incuti za Ukraine kuyiha vya nkenerwa, harimwo indege z’intambara n’ama-drone, hamwe n’ubuhinga bwa none bw’intambara be n’ubwo gusambura ibisasu bitegwa mu kuzimu (mine).
Umwe mu ncuti za hafi z’umukuru w’igihugu ca Ukraine, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Giorgia Meloni, yagarutse kuri iki kibazo co kuruhishwa n’iyi ntambara igihe avugana kuri telefone n’abanyamayeri b’Abarusiya babiri biyoberanije, bazwi cane ko bahiga abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya.
Yumvikana abwira aba bantu babiri, Vovan na Lexus, ati: "Mvugishije ukuri, ndabona ko hari uburuhe bwinshi ku mpande zose. Turi hafi yo gushikira igihe c’aho bose batahura ko dukeneye ko ibintu birangira.
"Igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi kumbure ntikiriko kiragenda uko bari bavyiteze. Kirabandanya, ariko ntaco cahinduye, aha nshatse kuvuga ku maherezo y’iyi ntambara”.
Intwaro ya Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarasavye inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza imfashanyo y’imiriyaridi 106 z’amadorari y’Abanyamerika igenewe Ukraine na Israel. Muri ino ndwi, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin yagabishije ati: "Ndashobora kwemeza ko mu gihe tutotanga imfashanyo [Umurusiya Vladimir] Putin azotsinda".
Perezida Zelensky yabwiye abanyagihugu ba Ukraine mu butumwa yashikirije ku mugoroba wo ku wa kabiri ati: "Turi mw’isi imenyereye intsinzi yihuta”.
Yarashimiye vy’umwihariko intambwe igisirikare cashitseko mu kugabanya ubwiganze bw’Uburusiya ku kiyaga Cirabura (Mer Noire), ati: "Uko dukingira umutekano ku nkengera no mu kiyaga cacu, niko n’isi igira umutekano”.
Ibitero vya Ukraine biheruka vyagemye icicaro c’amato y’intambara y’Uburusiya mu kiyaga Cirabura, ivyatumye amato hafi yose ava muri Crimée yigaruriwe n’Uburusiya.
Kyiv igerageza kurondera umuhora utekanye wo gucishamwo amato ya gisivire atwara ibidandazwa ishora hanze ku nkengera z’ikiyaga Cirabura ku ruhande rwa Ukraine iciye mu mazi ya Roumanie gushika ku nkengera z’ikiyaga muri Turukiya.
N’aho amatoni nibura 700.000 y’ingano yashoboye guca mu ryahumye ibibombe vy’Uburusiya mu mezi aheze, abategetsi ba Ukraine bavuga ko indege z’intambara zateye “ibiturika” mu mayira ategekanirijwe amato ya gisivire.
Ubuyobozi bw’ingabo za Ukraine zikorera mu bumanuko bukavuga buti: "Hagati aho, umuhora wo mu mazi urabandanya ukora uhagarariwe n’ingabo”.
Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu yavuze ko Ukraine iriko iratakaza iyi ntambara n’aho OTAN/NATO iyiha ibirwanisho bishasha.
Avuga ko Ukraine iriko iratakaza cane mu gihe igerageza kumenera mu turere turi mu minwe y’Uburusiya twa Zaporizhzhia, Kherson na Donetsk, kandi ko "abantu bayo babandanya bacika intege". Avuga kandi ko ingabo z’Uburusiya ziriko ziratera intambwe.
Shoigu nta vyemezo na bimwe atanga vyo gushigikira ivyo avuga.
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yatanguje iyi ntambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.










