Ibivugwa mu ntambara ya Ukraine n'Uburusiya: Ibihugu 70 bikoraniye muri Malte mu kurondera amahoro

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya isa n’iyamizwe n’iya Israel na Hamas, ibihugu birenga 70 biri mu nama muri Malte yo kurondera ingene intambara yohagarara, aho Kyiv yiteze gutanga intumbero yayo y’uko iyi ntambara imaze amezi arenga 18 yohagarara.
Kuri Ukraine, ni akarusho kubona ibihigu vyinshi vyitabira iyi nama mu gihe iriko irondera ibindi bihugu biyishigikira, cane cane mu kizwi “nk’uruhande rw’ubumanuko bw’isi”, hampande y’ibihugu vy’uburengero.
Nk’uko vyandikwa na Reuters hamwe na AFP, Ubushinwa– kimwe mu bihugu bike bikomeye kw’isi bigifitaniye ubucuti bwa hafi n’Uburusiya kuva butanguye igitero cabwo kuri Ukraine - ntiburi muri ino nama.
Hagati aho, intumwa z’Ubushinwa zari zitavye inama iheruka muri Myandagaro (8) yo kurondera kugarukana amahoro muri Ukraine yabereye mu gisagara ca Jeddah muri Arabia Sawudite.
Iyo nama yari yitabwe n’ibihugu vyababa 40, igitigiri gito ugereranije n’ivyitavye inama y’iki gihe muri Malte.
Amakuru atangwa na Reuters hamwe na AFP avuga ko intumwa za Turukiya hamwe kandi n’iza Afrika y’Epfo, Brezili n’Ubuhindi (ibihugu biri mw’ishuriro BRICS ririmwo n’Uburusiya), zashitse muri Malte. Afrika y’Epfo n’Ubuhindi vyaranse kwiyamiriza igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, nayo Brezili yanka kwinjira ku rutonde rw’ibihugu vyafatiye ibihano Uburusiya kubera ino ntambara.
Nta ntumwa z’Uburusiya ziri muri ino nama. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’iki gihugu Maria Zakharova avuga ko ibi biganiro ari “igikorwa ceruye co kurwanya Uburusiya”.
Itirorokanirizo ry’amakuru AFP rivuga ko abateguye iri koraniro biteze gutera igikumu kw’itangazo rusangi - urwandiko rutigeze rubaho mu makoraniro y’imbere y’aha muri Jeddah muri Myandagaro, hamwe na Copenhagen muri Danemark muri Ruheshi (6).
Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga ko abateguye iri koraniro rya Malte biteze ko abari muri ryo bemeranya gutumako ikoraniro mpuzamakungu rinini cane aho abategetsi b’isi bazokwemeza ingingo zo kurangiza ino ntambara.
Izi ngingo nk’uko Kyiv ivyizeye co kimwe n’incuti zayo z’Uburengero, zizofasha gushiraho inzira Ukraine izofata mu biganiro vy’amahoro n’Uburusiya.
Integuro y’amahoro ya Ukraine (Formula of Peace) yashikirijwe na Zelensky mu nama y’ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi (G20), ku wa 15 Munyonyo (11), 2022.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yiteze gushikiriza ino nama iba mu mwiherero ino nteguro yiwe igizwe n’ingingo cumi, muri zo harimwo ko Uburusiya buvana ingabo zabwo zose ku butaka bwa Ukraine buzwi ku rwego mpuzamakungu, harimwo n’iziri mu karere ka Crimée bwigaruriye mu 2014, guhana abakoze ivyaha vyo mu ntambara hamwe no kuronswa indishi y’akababaro.
Abategetsi bavuga ko muri Kherson habaye ibitero bikomeye

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, Uburusiya ntiburiko buratezurira Ukraine isanzwe ifise impungenge ko amakungu ashoora kwibagira ino ntambara kubera ibiriko bibandanya hagati ya Israel na Hamas.
Ibibombe bikomeye vyumvikanye mu gisagara ca Kherson mu gatondo ko muri uno wa Mungu, nk’uko umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare wo muri iki gisagara, Roman Mrochko, abivuga.
Yanditse kuri Telegram ati: “Ibiturika bikomakomeye vyumvikanye muri Kherson! Uturere turi ku nkengera turiko turaterwa n’ingabo z’umwansi! Mube maso! Mwimukire mu bibanza bitekanye”.
Imbere y’aho, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cari catangaje ko indege z’umwansi ziriko zirakora ibitero mu bumanuko no mu buseruko bw’igihugu.
Uburusiya buvuga ko bwakoroye amadrone 36 hejuru ya Crimée
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko indege za Ukraine zitagira abadereva (amadrone) 36 zakorowe mw’ijoro ryo kuri uno wa Mungu mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya.
Buvuga buti: “Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwasambuye indege za Ukraine 36 zitagira abadereva hejuru y’Ikiyaga Cirabura no mu gice c’uburaruko bushira uburengero bw’akarere ka Crimée”.










