Adrienne Nahimana: ' yari afise impano mu kwigisha urukundo...ubutwari, ubutore n'ubuhizi' - ivyavugiwe ku maziko

Amaziko ya Adrienne Nahimana
Insiguro y'isanamu, Adrienne Nahimana yakundwa cane n'abakurikirana igikino Ninde, akaba yari azwi ku ritazirano rya 'Mariya Mawe'
Yatangajwe

Mu Burundi, hashingurwa umwe mu bakinyi rurangiranwa b’umugwi "Ninde", umupfasoni Adrienne Nahimana yitavye Imana mu ndwi iheze.

Iborori vyo gushingura uwo mupfasoni batazira ”Mariya Mawe” vyabereye mw’itongo ry’abapfuye rya Murayi ku birometero 22 uvuye ku mugwa mukuru w’Uburundi, Gitega.

Imbere y’aho, habanje kuba inkuka y’imisa aho patiri Hervé Ntambaga yayihereje yavuze ko uwo mupfasoni, yari afise impano mu kwigisha urukundo.

Yagize ati: "Umuhisi n'aho ata mashure menshi yize yari afise impano mu kwigisha urukundo abicishije mu gakino " Ninde "

Ibirori vyo kumushingura kandi vyari vyitabwe n’abantu bavuye mu bisata bitandukanye harimwo n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Karerwa Ndenzako Jean Claude, umujenama wa prezida ku bibazo vya politike, imibano n’imico kama, ni we yari yaserukiye prezida Evariste Ndayishimiye.

Yagize ati: "Nk’uko umukuru w’igihugu yari yabishikirije akimenya urupfu rwa Adrienne Nahimana, arashima ubutwari, ubutore n’ubuhizi vyamuranze.

"Abantu bakwiye gukurikiza iragi asize."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Goreth Yamuremye, yamukurikiranye kuva mu 2017 amagara atanguye kumukika, yavuze ko yari afise ingwara nyinshi.

Agira ati: "Yari agwaye amaso [bari baramushizemwo ayandi maso], kutumva neza [yagendana utwuma tumufasha kwumva], igisukari..

"Mu misi iheze ni ho yafatwa avyimba inda hanyuma turamumanukana i Bujumbura kumuvuza, dusaba abaganga kuturabira ikibazo afise.

"Baciye batubwira ko afise ingwara idakira y'urusina', kubera igitigu caguma kijojota bigatuma inda iguma ivyimvye."

Umurwi wa Ninde Adrienne yahora akinamwo watanguye mu mwaka w'1981 ugizwe n’abantu 13, muri abo bawutanguje hasigaye 8.

Muri kino gihe bafise imigwi ibiri, umwe ukorera kuri zone Kabanga ugizwe n'abantu 18, uwundi ugizwe na wo nyene ni abantu 18 ukorera kuri zone Giheta.

N’aho abakinyi ba Ninde baronswa umushahara ku kwezi ku kwezi ni imboneshakure nkuru y'igihugu ( RTNB ), baguma basaba ko boza baravuzwa bakanabarihira amahera yo kubategekaniriza kazoza.