Korea ya ruguru iragabisha ku ngaruka y'amasezerano yo kwikingira hagati ya Amerika na Korea y'Epfo

Yatangajwe

Mushiki w'uwurongoye Korea ya ruguru, Kim Jong-un yagabishije ko amasezerano ya vuba hagati ya Reta zunze Ubumwe za Amerika na Korea y'Epfo azotuma "haba ibindi bibazo bikomeye cane".

Kim Yo-jong yavuze ko umugambi wa nicleyere wo kwikingira "utegerezwa gutezwa imbere cane", nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta.

Amerika yemeye kuzana muri Korea y'Epfo amato aca musi y'amazi arimwo ibigwanisho vya nicleyere hanyuma bakorere hamwe n'ico gihugu mu mugambi wa nicleyere wo kwikingira igitero ca niclerere coturuka mu buraruka.

Mu gusubiza mu ndumane, Korea y'Epfo yemeye kutikorera yo nyene ibigwanisho vya nicleyere.

Uwo mwumvikano - uzwi nk'itangazo rya Washington - wamenyeshejwe muri iyi ndwi mu biganiro prezida Joe Biden yagiranye na mugenzi we wa Korea y'Epfo Yoon Suk-yeol ku mugwa mukuru wa Amerika.

Avuga kuri uwo mwumvikano, Kim yagize ati:"Uko abansi bakora bivuye inyuma mu kugira imyimenyerezo ya nicleyere, ari na ko baguma begereza ivyo bigwanisho izinga rya Korea, ni ko dushiramwo inguvu zose mu gukoresha uburenganzira bwacu bwo kwivuna ku buryo bungana na bo."

Yagabishije ko iyo ngingo ishobora " gusa gutuma amahoro n'umutekano mu karere ko mu buraruka bushira uburengero bwa Asia bihura n'ibibazo bikomeye".

Kim ari mu kibanza gikomeye muri komite nkuru y'umugambwe w'abakozi uri ku butegetsi muri Korea ya ruguru, kandi bivugwa ko avuga rikijana kuri musaza we.

Prezida Biden yarashimagije uwo mwumvikano, avuga ko ushobora gukomeza ugufashanya kw'izo mpande zibiri mu kwikingira ibitero vya Korea ya ruguru.

Prezida Yoon yavuze ko ayo masezerano yerekanye intango yo kwiyemeza "bitaziguye" kwa Amerika kwikingira ibitero no gutabara incuti zayo ikoresheje ibigwanisho vya nicleyere.

Ubushinwa buragabisha "gukokeza imishamirano, gusotora imishamirano no gukinisha ukugeramira abandi".

Muri ayo masezerano, Amerika izoshira ku mugaragaro ivyo yiyemeje muvyo kwivuna abansi, mu kurungika amato aca musi y'amazi afise ibigwanisho vya nicleyere muri Korea y'Epfo, ubwa mbere kuva haraheze imyaka 40, ari kumwe n'ibindi bikoresho, harimwo amabombe ya nicleyere.

Izo mpande zibiri kandi zizoshiraho umugwi wo guhanahaniramwo ivyiyumviro n'imigambi vya nicleyere, Nuclear Consultative Group.

Abanye politike i Seoul bari bamaze igihe kirekire basaba Amerika kubashira gusumba muri uwo mugambi wo kumenya ingene na ryari hokoreshwa ibigwanisho vya nicleaire kuri Korea ya ruguru.

Amakenga yari yabaye menshi ku mpande zose ku vyerekeye igeramirwa ry'ibigwanisho vya nicleyere vya Korea ya ruguru.

Ico gihugu kiriko kirakora ibigwanisho vya nicleyere bishobora gutumberezwa kuri Korea y'Epfo, kandi iriko iraryohora ibigwanisho bishika kure bishobora no gushikira ubutaka bwa Amerika.

Amerika isanzwe ifise amasezerano ayitegeka gutabara Korea y'Epfo, ikaba yaheruka no kwiyemeza gukoresha ibigwanisho vya nicleyere igihe vyoba bikenewe.

Ariko bamwe muri Korea y'Epfo batanguye kugira amakenga kuri uwo mwumvikano, bagahamagarira ico gihugu kubandanya umugambi waco wa nicleyere.