Qatar 2022: Abagore bonyene bagiye guhagarikira inkino z’igikombe c’isi c’abagabo, ubwa mbere mu mateka

Yatangajwe

Stephanie Frappart azoba abaye umugore wa mbere ahagarikiye urukino rw’igikombe c’isi c’abagabo.

Uyu mufaransakazi yabaye umugore wa mbere ashizwe kuri rwo rwego muri aya mahiganwa igihe yashirwa mu kibanza c’umuhagarikizi wo ku ruhande agira kane mu rukino rwahuje Mexique na Pologne kuwa kabiri uheze.

Frappart yabwiye BBC imbere yo gutangura urukino ati: "Turazi ko bitoroshe,"

Ariko yavuze ko "ivyo bidatuma bahinduka", ati "ni kwitonda, kwirinda gusamara, no kutitwararika cane itangazamakuru n’ibindi vyose, ahubwo bakagumiza ijisho ku rubuga".

Frappart afadikanya na Neuza Back wo muri Brezil, n’umunye-Mexique Diaz Medina mu kibuga ca Al Bayt kuri uyu wa kane.

Ku kibazo c’uko yoba yarigeze yumva amajambo amuvugwako kubera ari umugore aturutse mu bakinyi, abakuru b’imigwi canke abafana, Frappart yavuze ko "kuva atangura yamye ashigikiwe n’imigwi, amakipe n’abakinyi".

Ati: “Namye nakirwa mu kibuga, rero niyumva nk’uwundi musifuzi uwo ariwe wese mu kibuga. Namye mpabwa ikaze, kandi nizigiye ko n'ubu ariko biza kugenda.”

Frappart yabaye umusifuzi wa mbere w’umugore ahagarikiye urukino rw’abagabo mu mahinganwa y’imigwi yabaye iya mbere iwabo, ‘champions league’ 2020

Uyu mugore w’imyaka 38 ni nawe yabaye uwa mbere guhagarikira urukino rw’ihiganwa ry’igikombe c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hagati y’imigwi yo ku mugabane wa Bulaya UEFA igihe Liverpool yahura na Chelsea muri European Super Cup 2019.

Abagore batatu - Umufaransakazi Frappart, umunyarwandakazi Salima Mukansanga n’Umuyapanikazi Yoshimi Yamashita – bari mu basifuzi 36 batoranijwe guhagarikira inkino z’igikombe c’isi zibera muri Qatar.