Abapolisi ba DRC bari bahungiye mu Burundi batahukanywe

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abategetsi b'Uburundi batanguye gutahukana abapolisi n'abasirikare ba Republika ya Demokrasi ya Congo bari bahunze ico gihugu inyuma y'aho ubagwanyi ba M23 bafatiye ibisagara vya Bukavu na Kamanyola mu ndwi iheze.

Abo bajejwe umutekano ba Congo bari bahawe ubuhungiro mw'ikambi ya Muramvya iri hagati mu gihugu, ku birometero 50 uvuye ku mugwa mukuru w'ubutunzi, Bujumbura.

Basubijwe inyuma n'imodoka z'igipolisi c'Uburundi baciye ku rubibe rwa Gatumba muri komine Mutimbuzi.

Aho mu Gatumba hari igitigiri kinini c'abapolisi b'Uburundi, bikaba vyavugwa ko abo basirikare n'abapolisi baza gushikirizwa abategetsi ba Congo.

Igipolisi nticatwemereye gufata amasanamu.

Ico gikorwa kibaye inyuma y'umusi umwe gusa prezida Felix Tshisekedi wa Congo amenyesheje ko reta yiwe yafashe ingingo yo kwongereza umushahara w'abajejwe umutekano, mu kubatera intege mu ntambara barimwo n'umuhari M23 ubu umaze kwigarurira igice kinini c'intara ya Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Bivugwa ko abo basirikare bari bahunze bava mu gisagara ca Uvira no mu micungararo yaco, inyuma y'aho abagwanyi ba M23 bafatiye igisagara ca Kamanyola kiri ku birometero 50 mu buraruko bwa Goma.

Abasirikare ba Congo bari mu bahembwa amahera make ku mugabane wa Afrika mu gihe igihugu cabo gifise ubutunzi bwinshi bw'amabuye y'agaciro.

Bivugwa ko benshi muri bo bahitamwo gukinjura canke kwishikana ku muhari M23 kugira bakingire imiryango yabo.

Ku musi w'Imana, prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yaragize urugendo i Kinshasa ku mugwa mukuru wa Congo, aho yaganiriye na mugenzi we Felix Tshisekedi, amwemerera kubandanaya kumufata mu mugongo mu kubuza ko M23 ibandanya yigarurira utundi turere mu buseruko bw'ico gihugu.

Bivugwa ko Uburundi bwarungitse muri Congo abasirikare barenga 10.000, bakaba bafasha igisirikare ca reta FARDC kugwanya umuhari wa M23.

Ku musi wa gatandatu, abapolisi 2.000 ba Congo barishikanye ku muhari M23 I Bukavu na Goma.

Inkuru zitangwa na M23 zivuga ko hari abajejwe umutekano benshi bamaze kwishikana kuri uwo muhari.

Abanye Congo barenga imiriyoni zitanu baramaze guta izabo abandi bataramenyekana igitigiri bahungira mu bihugu bibanyi.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu rivuga ko kuva intambara zisubiye gukomera mu kwezi kwa mbere, abantu barenga 7000 bamaze kwicirwa muri iyo ntambara ihuza reta n'abayishigikiye hamwe n'umuhari M23 ufashwe mu mugongo n'Urwanda.

Urwanda ariko ruguma rubihakana.