Mu mafoto impunzi z'abanye Congo mu Burundi

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ikambi y'agateganyo y'impunzi BBC yagendeye iri muri komine Rugombo y'intara ya Cibitoke, hafi y'urubibe rwa Ruzizi rw'Uburundi na DR Congo.

Iyi kambi irimwo impunzi zishika 20,000 zirwiriyemwo abagore n'abana.

Abategetsi b'Uburundi bamenyesha ko mu ndwi zidashika zibiri ziheze iki gihugu kimaze kwakira impunzi zishika 42,000 z'Abanyecongo bahunze ingwano mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Abarongoye ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR bavuga ko Uburundi budafise ubushobozi bwo kwitaho izi mpunzi, kandi ko aba bahunze ata mfungurwa, ataho bakika umusaya eka ata n'ivya nkenerwa bafise.