Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'imvano ku kazi k'abaserukira ibihugu vyabo mu makungu
Ikiganiro Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 ukwezi kwa gatandatu mu 2026, kibayagira ku kazi k'abaserukira ibihugu vyabo mu makungu.
Amasezerano ya ONU agenga abaserukira ibihugu vyabo mu bindi bihugu n'ayo mu gisagara ca Vienne muri Autriche yo mu 1961. Aya masezerano arerekana neza ico baba bajejwe, ivyo barekuriwe gukora n'ivyo babujijwe. Aba bagenwa n'ibihugu baserukira bakarungikwa mu bindi bihugu canke amashirahamwe mpuzamakungu.
Ariko babanza kwemezwa n'ivyo bihugu barungitswemwo. Igitigiri cabo kigenda gihindagurika ku bihugu, hashingiwe ku nyungu biba bifise aho barungitswe.
Mu ntango, ubuserukizi bw'igihugu bwibanda cane cane ku nyungu za politike. Ariko muri kino gihe, hari ibiriko birahinduka, aho ibihugu bimwe bimwe bisa n'ibitanguye gushira ubuserukizi bwavyo mu bihugu bubonamwo inyungu z'ubutunzi.
Ikindi ni uko kubera iterambere ry'ubuhinga bwa none, abahinga batanguye kuvuga ko mu bihugu bimwe bimwe hashobora kugabanywa abakozi b'ubuserukizi ku mvo z'ubutunzi, kuko ivyo bahora bakora bishobora gukorwa n'abakozi bato bato, bagenzurwa n'ubuserukizi buraba ibihugu bitatu canke bine.
Ariko rero hari n'ikibazo c'abo baserukira. Vy'ukuri akazi k'ubuserukizi bw'igihugu mu kindi gihugu kanaka n'akahe? Bafasha iki abanyagihugu babo baba baba muri ico gihugu? Igihugu nyezina carungitse uwugiserukira, cunguka iki uravye uburyo bukoreshwa haba ku bakozi canke ku nyubako? Ni ryari uwuserukira igihugu ciwe ashobora kwirukanwa. N'ibihe bintu yemerewe gukora n'ivyo abujijwe mu gihe akiri muri ayo mabanga?
Ibi ni bimwe mu bibazo kino kiganiro gica hirya n'ino.
Cyriaque Muhawenayo yabateguriye kino kiganiro ari kumwe n'abatumire babiri.
Uwa mbere n'umusesenguzi Zenon Ndayisenga yigisha kuri Kaminuza ya Pretoria, hamwe na Amb. Saleh Habimana yahoze aserukira igihugu ciwe c'Urwanda mu Misiri.