Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Icizere n'ingorane inyuma y'igihe kirekire yari imaze irindiriye za ndege karuhariwe za F-16
- Umwanditsi, Abdujalil Abdurasulov na Chris Partridge
- Igikorwa, I Kyiv na London
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
Indege z'intambara F-16 zirungitswe n'ibihugu vya OTAN/NATO ziteze gushika muri Ukraine vuba, inyuma y'amezi atari make yari aheze bari mu myiteguro no kwigisha abadereva.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ari nkenerwa mu gufasha abanya-Ukraine kubuza Uburusiya kwiganzira no kugota ikirere.
Hagati aho, ingabo z'Uburusiya nazo zimaze igihe zitegurira izi ndege F-16 za Ukraine.
Zarakubise ibibuga vy'indege bitari bike vy'igisirikare ca Ukraine kandi amakenga aguma yiyongera ko izi ndege zimaze igihe zirindiriwe zishobora gukubitwa zigishika.
Muri uku kw'indwi kwonyene, ibibuga nibura bitatu vyaratewe: Myrhorod na Kryvyi Rih hagati muri Ukraine hamwe n'ikindi kimwe mu ntara ya Odesa yo mu bumanuko.
Uburusiya buvuga ko bwasambuye indege z'intambara za Ukraine zitanu zo mu bwoko bwa Su-27, imwe yo mu bwoko bwa MiG-29, hamwe na radar be n'ibindi bikoho vya muzinga birasa ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot bicungera ikirere.
Abategetsi ba Ukraine nta kintu na kimwe bavuga kandi igisirikare kirwanira mu kirere caranse kugira ico kibwira BBC, kikaba cacishije ubutumwa ku mbuga hwaniro gusa kivuga ko indege n'ibikoresho vyo gukingira ikirere vyari icambo catumye Uburusiya butakaza bikomeye ibisasu vya misire bitari bike vyo mu bwoko bwa Iskander.
Biba icambo canke bitaba vyo, incuti za Ukraine n'abanya-Ukraine bo nyene batari bake, bafise ubwoba ko izi ndege F-16 zahinguwe na Amerika zishobora kutazoba zikingiwe bikwiye.
Gushika ubu, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kigendera ahanini ku "bitero binyanyagijwe irya n'ino" kugira ngo indege zaco z'intambara ntizihave zisamburwa zikiri hasi, nk'uko bivugwa na Profeseri Justin Bronk, umushakashatsi mu bijanye n'ubuhinga hamwe n'ivyo kurwanira mu kirere ku kigo Royal United Service Institute.
Indege n'ibikoresho buri gihe vyama biriko birimurwa biva ku kirindiro bija ku kindi, nk'uko abisigura, kugira ngo "ari nka hamwe Uburusiya bwokora igitero co mu kirere, bwisange bwakubise ikibuga kiri gusa canke ivyatsi".
Ariko ibi bishobora guhinduka nimba Ukraine ishaka gukingira iyi ndege kirumara y'Uburengero kugira ntikubitwe na misire z'Uburusiya.
Indege F-16 zikeneye ibibuga bimeze neza bitagira urucekeri n'ibindi bintu vy'imyanda bitobito kugira ngo imoteri zazo ntizihave zigira ibibazo.
Profeseri Bronk abona ko utwigoro utwo ari two twose two gutunganya neza ibibuga biri ku bigo bisanzwe bihari tutazoca mu ryahumye Abarusiya.
Gushika mu misi iheze, Uburusiya bushobora kuba bwagendera ku masanamu yarungikwa n'ubuhinga maneko bw'ibigendajuru mu kuneka ibigo vy'igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, ibi bikaba bitabworohera kumenya neza nimba bwagemye aho bwashaka.
Ariko ubu, Uburusiya busigaye bufise indege maneko zitagira abadereva (drone) nk'izo mu bwoko bwa Zala, Supercam na Orlans, zishobora kurungika ikibiriraho amasanamu avuye hagati na hagati ku butaka bwa Ukraine, kandi zishobora no kutabonwa n'ubuhinga bwa none bwa Ukraine, mbere zigakwepa n'ubuhinga bwa Ukraine bwo guteza umwansi igipfungu.
Umukuru w'igisata gikoresha amadrone Oleksandr Karpyuk avuga ko bashobora kuregera izi drone imbere y'uko zihaguruka, zigashobora kuguruka gushika ku nteza ya kure zidakoresheje ubuhinga bw'itumatumanako.
Videwo y'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi yerekana igitero ku kigo ca Myrhorod c'igisirikare kirwanira mu kirere mu ntango z'uku kwezi isa n'iyerekana igihe ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Iskander bikubita aka karere aho indege nyinshi zari ziparitse.
Nta kintu na kimwe cerekana ko indege za F-16 zamaze gushika muri Ukraine, nubwo umuhinga mu vy'indege ari i Kyiv Anatoliy Khrapchynsky avuga ko Uburusiya buriko "buraneka" ibibuga vy'indege vya Ukraine kubera bwibaza ko izi ndege zishobora kuba zarashitse.
Ni muri kuno kwezi nyene aho umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuga ko Danemark n'Ubuholande vyamaze gutangura kurungika izi ndege F-16.
Indege F-16 zababa 65 ni zo zimaze kwemerwa n'ibihugu vya OTAN, ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero.
Zimaze gushika ku rubuga, zizokwikuba incuro hafi zibiri ku ndege z'intambara za Ukraine isanzwe ifise ubu, zose zikaba ari MiG-29 na Su-27 zo ku ntwaro y'Abasoviyeti.
Ku bwa Perezida Zelensky zaratevye, kuko bamaze amezi 18 bazirindiriye.
Ibikorwa nyamukuru vy'izi ndege ni ugusambura ubuhinga bw'umwansi bwo kurwanira mu kirere, mu gusambura vya muzinga vy'Uburusiya birekura ibisasu vya misire birasirwa ku butaka canke mu mazi; gutuza ingabo z'Uburusiya zirwanira ku butaka; hamwe no gukingira ubutaka bwa Ukraine ibitero vy'indege na misire vy'Uburusiya.
Ibi bikorwa vyo kwivuna muri iki gihe kumbure ni vyo nyamukuru.
Muri uno mwaka, Ukraine irageramiwe bikomeye n'ibibombe vy'Uburusiya vyarara (bombes planantes/glide bombs), ibibombe karuhariwe vyo gusambura ibibanza vya gisirikare bikingiwe cane, bigereranywa n'ibisasu vyo mu bwoko bwa JDAM vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibi bibombe biriko biriha inkumbi ku rubuga rw'intambara muri Ukraine.
Mu kwa gatatu kwonyene, ivyababa 3000 ni vyo vyarekuwe, hafi vyose bikaba vyatewe n'indege z'intambara zo mu bwoko bwa Su-34.
Ari nka hamwe Ukraine yoshobora gukingira F-16 zayo ku butaka, hari icizere ko zogira uruhara rukomeye mu gutuza indege z'intambara z'Uburusiya ku buryo ibi bibombe vyarara bitoba bigishoboye gutera ingabo za Ukraine ku butaka.
Izi ndege F-16 zokorana na vya muzinga vy'Uburengero birekura ibisasu vya misire muri Ukraine, vyo mu bwoko bwa Patriot na NASAMS bisanzwe biri ku rubuga, nubwo ari bike cane.
Si bose bizeye ko F-16 zizoshobora gukingira ibisagara vya Ukraine biri ku rwasiro.
Profeseri Bronk agabisha ko ziramutse zigurutse hejuru cane mu kirere, zishobora gukubitwa n'ibisasu vya misire vy'Uburusiya bikingira ikirere. Ziramutse zigurukiye hafi mu kirere naho, bizoba ngombwa ko zinjira hagati ku butaka bw'Uburusiya kugira ngo ibisasu vya misire zizoba zikoreye bishobore kugema neza aho bizoba birungitse, iki naco kikaba ari akaga gakomeye.
Ariko Anatoliy Khrapchynsky abona ko, aho kubona izi ndege nk'izizobangamirwa n'Uburusiya, zikwiye kubonwa ko zizoba zigiye gutsimbataza ubushobozi bwa Ukraine bwo kurwanira mu kirere, kubera ubushobozi bwazo bwo gutangira ibisasu vya misire.
Izi ndege F-16 si ngombwa ko zizotegerezwa guhindura isura y'ino ntambara, ariko zizogira uruhara rudasanzwe mu bitero vyo ku butaka no mu kirere.
Ikibazo kihari gusa ni ukumenya nimba igitigiri cazo gikenewe kizoboneka, kandi nimba zizoshobora gukingirwa ziri ku butaka.