Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Umuririmvyikazi rurangiranwa Tshiala Muana yasandavye ku myaka 64
Umuririmvyi akongera akaba n'umutamvyi rurangiranwa wa Congo Tshala Muana yasandavye ku myaka 64, nk'uko bivugwa n’uwumufasha akongera akaba n’umugenzi wiwe, Claude Mashala.
Inkuru y’urupfu rwiwe yasohorewe ku rubuga rwa Facebook rwa Claude Mashala, aho yanditse avuga ati:
«Mu gatondo ka kare, Imana rugira vyose yafashe ingingo yo guhamagara Tshala Muana.
"Imana ihabwe icubahiro ku bihe vyiza Tshala Muana yaduhaye kuri ino si. Igire n’amahoro Mamu».
Mu kwa gatandatu 2020, haradutse igihuha cavuga ngo yapfuye, ariko ntivyari vyo, yari arajwe mu bitaro kubera indwara y’imitsi ifatira mu bwonko.
Élisabeth Tshala Muana Muidikay (yavutse ku wa 13 Rusama [5] 1958), asanzwe azwi kw’izina rya Tshala Muana yari umunyamuziki azwi cane muri Repubulika y’intwaro Rusangi ya Congo, yandika indirimbo akongera agatamba.
Afatwa nk’ “Umwamikazi wa Mutuashi", umudiho w’umuziki n’intambo vyo mu ntara ya Kasai asanzwe avukamwo, iri hagati mu gihugu. Akunzwe kwitwa "Mamu National”, ni ukuvuga nyina w’igihugu.
Azwi cane ku ndirimbo zitari nke nka "Karibu Yangu", « Malu », « Tshianza », « Tshibola » n’izindi nyinshi.
Yarazungurutse mu bihugu bitari bike, atsindira ubushimwe butari buke haba mu gihugu, ku rwego rw’umugabane canke ku rwego mpuzamakungu, akaba yashoboye gusohora inkurikirane (albums) zirenga 20.
Umuziki wiwe urumvikana mw’ireresi y’umuziki izwi cane yo mu 1987 muri Congo La Vie est Belle na Aya of Yop City.
Yari azwi ko ashigikiye uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Joseph Kabila n’umugambwe wiwe - Parti du peuple pour la reconstruction et la démocratie (PPRD).
Mu 2020 yarahagaritswe na reta ya Perezida Félix Tshisekedi bikavugwa ko hari kubera indirimbo yiwe "Ingratitude" yavugwa ko yanegura umutegetsi atavuzwemwo izina.