Iragi rya Bob Marley ryatewe iteka n’umwuzukuru wiwe mu giteramo i Birmingham

Yatangajwe

Ibiserukuru bitatu vy’umuryango wa Bob Marley baza kuba bari mu giteramo co kuri uno wa kabiri mu gisagara ca Birmingham mu Bwongereza -  imyaka 50 inyuma y’igiteramo ca mbere uyu muririmvyi yagiriye muri ico gisagara. 

Umwuzukuru wiwe Skip Marley araza kuririmba muri kino giteramo kiza kuba gihagarariwe n’uwari umugore akongera akanafasha kuririmba uyu yahoze ari umunyamuziki rurangiranwa, Rita, ari kumwe n’umukobwa wiwe Cedella.

Iki giteramo kiza kuba kigizwe n’indirimbo ziwe zisubirwamwo mu murwi w’abaririmvyi  Chineke! Orchestra  baza kuba bari kumwe na Skip n’abandi.

Trevor Nelson niwe aremesha iki giteramo – kizocishwa kuri BBC hanyuma.

Iki giteramo kiri mu bikorwa bitegekanijwe na BBC vyo guhimbaza imyaka 60 igihugu ca Jamaica  - ari co gihugu ciwe c’amavukiro - kimaze cikukiye, hamwe kandi no mu birori vyo gutanguza inkino za Commonwealth 2022 zitegekanijwe kubera i Birmingham.

Skip Marley ati: "Nditeguye kuririmbana na Chineke! Mu gutera iteka umuziki wa Sokuru.

“Kuririmba mu giteramo co mu Bwongereza aho umuziki wa sokuru usanzwe ukundwa cane rwose biza kuba ari ibintu bidasanzwe”.

Skip Marley ni umunyamuziki w’imyaka 26 yavukiye muri Jamaica, nyina wiwe ni Cedella Marley umunyamuziki akomeye kandi yatsindiye udushimwe dutatu twa Grammys awards akaba ari umukobwa wa Bob Marley.

Haraciye imyaka 41 Bob Marley asandavye yishwe na kansei i Miami muri Reta Zujnze Ubumwe za Amerika, ku myaka 36.