Abategetsi ba gisirikare ba SADC mu rugendo muri DRC

Yatangajwe

Abategetsi ba gisirikare bo mu bihugu bigize ishirahamwe SADC ryo mu bumanuko bwa Afrika bari mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo kuraba uko umutekano wifashe mu gihe amakungu agenda arushaho gukurikirana intambara iriko irahabera.

Ishirahamwe ry'ububumwe bwa Buraya, EU, rihejeje kumenyesha ko rigiye kurungika imfashanyo rikoresheje indege, mu gufasha ibihumbi n'ibihumbi vy'abateshejwe izabo kuva abagwanyi ba M23 basubiye gutanguza intambara haraciye amezi atari make.

Haraciye imyaka cumi, ibikorwa vya gisirikare vya SADC bifashije gutuza muri ico gihugu abagwanyi ba M23.

Ntituramenya nimba uru rugendo rwo kugenzura uko umutekano wifashe rushobora gutuma harungikwa abasirikare ku rubuga rw'intambara, ariko n'ikimenyetso c'ingene iyo ntambara iraje ishinga amakungu.

Uretse abasirikare ba ONU barenga 12.000, igihugu ca Kenya hamwe n'ibindi vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko vyararungitseyo ingabo.

Ihagarikwa ry'imigwano rigiye gushirwa mu bikorwa mu misi mike iri imbere.

Ariko urufunguruzo rwo guhagarika iyo ntambara n'ugufasha mu kwunga igihugu ca RD Congo nUrwanda ruzwi ko rushigikiye abagwanyi ba M23. Ariko Urwanda ruguma rubihakana.

Ivyo bibaye mu gihe Uburundi bwaheruka kumenyesha ko bugiye kurungika abasikare bashika ijana mu ntara ya Kivu ya ruguru mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, aharangwa imigwi y’inyeshamba iharurirwa muri za mirongo.