Ukraine ivuga ko Abarusiya 400 bishwe mu gitero ca misire
Na Elsa Maishman & Sam Hancock
BBC News

Ahavuye isanamu, Telegram: Horevica / ZSU StratCom
Ukraine ivuga ko yishe abasirikare 400 b’Uburusiya mu gitero ca misire mu ntara bwigaruriye ya Donetsk.
Iyo misire yatumberejwe ku nyubakwa yo mu gisagara ca Makiivka, aho ingabo z’Uburusiya vyari bizwi ko ariho zikambitse.
Ico gitigiri ntikirahinyuzwa. Abategetsi biyumvamwo Uburusiya bemeye ko hari abakomeretse n’abapfuye, ariko ntibwemeza ibitigiri bivugwa.
Muri Kyiv, urwamo rw’ibitero rwarasiranye ku wa Mungu mw’ijoro, mu gihe uwundi mupfunda w’ibitero vy’indege na misire wariko urabandanya.
Daniil Bezsonov, umutegetsi mukuru yiyumvamwo Uburusiya mu bice vya Donetsk vyigaruriwe, yavuze ko misire yagemye Makiivka iminota ibiri imbere y'isaha zitandatu z’ijoro ku munsi w’umwaka mushasha.
Uwo mutegetsi avuga ko ico gitero cagizwe kw’ishure ry’imyuga hakorehejwe misire yo mu bwoko bwa MLRS Himars y’Abanyamerika, aho yashaka kuvuga misire zatanzwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
“Hari abapfuye n’abakomeretse, igiharuro nyaco ntikiramenyekana,” nk’uko Bezsonov yabandanije avuga mu butumwa yacishije kuri Telegram.
Bamwe mu bavuga n’abandika ku ntambara baremera ico gitero -ariko bakavuga ko ivyo bitigiri ari bito cane kurusha ivyavuzwe.
Vladimir Solovyov, avuga amakuru ku mboneshakure, yanditse kuri Telegram ko “abahaguye ari benshi … ariko nta n’ukwegereza” 400.
Ku bw’igisirikare ca Ukraine, abantu 300 barakomerekeye muri ico gitero iruhande y’abo bishwe bagereranywa mu 400.
Ubutegetsi bwashizweho n’Uburusiya bwavuze ko nibura roketi 25 zatewe iyo ntara mw’ijoro buca ari umwaka mushasha.
Haheze amasaha habaye igitero kuri Makiivka, Kyiv nayo yaciye iterwa. Igitero ca misire na drone catumbereye ikibanza gikomeye c’ibikorwa-remezo, nk’uko umukuru w’intara y’umurwa mukuru Oleksiy Kuleba yabivuze.
Umuntu umwe i Kyiv yarakomerekejwe n’ibimanyu vya drone y’Uburusiya, nk’uko umukuru w’igisagara yavuze.
Vyashitse mu gihe umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yifurije igihugu ciwe intsinzi no gusubira mu buzima busanzwe mu 2023.
Mw’ijambo ry’umwaka mushasha ku mboneshakure y’Uburusiya, prezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzogwana kugira bukingire ubutavogerwa n’ubwigenge bwabwo.

Ahavuye isanamu, Andriy Nebytov, Kyiv Oblast Police Chief
Igisirikare ca Kyiv casohoye imburi y’ivyo bitero vya vuba gato inyuma y’isaha 01:00 (23:00 kw’isaha mpuzamakungu ya GMT) ku wa mbere.
“Igitero co mu kirere kuri Kyiv... turagabisha ko hari igitero co mu kirere ku mugwa mukuru", nibwo butumwa cacishije ku rubuga rwa Telegram.
Serhiy Popko, umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare mu gisagara yabwiye abantu ko boguma aho bikinga.
Kuleba, umukuru w’intara, yavuze ko ibigwanisho ari ama drone yakorewe muri Iran ya Shahed avuga ko bitumberezwa ku ‘’bibanza bikomakomeye vy’ibikorwa-remezo’’.
Uburusiya bumaze igihe butota ibikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu , busambura ibituro vy’umuyagankuba, bugasiga imiriyoni z’abantu mu kizime muri iki gihe c’ubukonje burenze urugero.











