Russia-Ukraine: ibitero vya drone birabandanya kuri Kyiv n’ubuseruko bwa Ukraine

Iyi nzu yabomowe mu bitero vyo kuwa 31 kigarama

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi nzu yabomowe mu bitero vyo kuwa 31 kigarama
Yatangajwe

Humvikanye inzamba zo kugabisha ku bitero vyo mu kirere ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv mw’ijoro rya nijoro ku wa Mungu, mu gihe urundi rukurikirane rw’ibitero vya za ndege zitagira abadereva (drones) hamwe na za misire vy’Uburusiya bibandanya.

Igitero catanguye imbere gato y’isaha zitandatu z’ijoro cakozwe ku kigo gikomeye, nk’uko buramatari wa Kyiv Oleksiy Kuleba abivuga.

Umugabo umwe yakomeretse i Kyiv mu bisigarira vya drone y’Uburusiya yasambuwe, nk’uko umukuru w’igisagara abimenyesha.

Ibitero vyarabandanije mu misi itari mike gushika muri kino gihe c’umwaka mushasha.

Icakora, igisirikare ca Ukraine kivuga ko abasirikare 400 b’Uburusiya bishwe buca ari umwaka mushasha ahitwa Makiivka, mu ntara ya Donetsk iri mu minwe y’Uburusiya.

Mu bintu bidakunze kuba, abategetsi begamiye Uburusiya baremera ko batakaje. Ariko Uburusiya bwanse kwemeza igitigiri c’abapfuye, kandi BBC ntiyashoboye kubihinyuza.

Ibi bibaye inyuma y’aho Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yipfurije intsinzi  no kugarukana ubuzima busanzwe muri Ukraine muri uno mwaka wa 2023.

Mw’ijambo yashikirije ry’umwaka mushasha ku mboneshakure y’Uburusiya, Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzorwana kugira bukingire ubusugire n’ubwigenge vyabwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igisirikare ca Kyiv casohoye itangazo ryo kugabisha kuri ibi bitero inyuma gato y’isaha indwi z’ijoro kuri uno wa mbere.

"Igitero c’indege kuri Kyiv... turagabisha ko hari igitero c’indege ku mugwa mukuru",nibwo butumwa cacishije ku rubuga mboneshakure rwa Telegram.

Serhiy Popko, umukuru wa gisirikare muri ico gisagara, yasavye abanyagihugu kuguma mu mazu.

Umukuru w’igisagara Vitali Klitschko avuga ko hari ikibombe caturikiye mu karere ka Desnyanskyi kari mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kyiv kandi ko abajejwe ubutabazi bamaze kuhashika.

"Umusore w’imyaka 19 yakomeretse ari mu bitaro vy’akarere ka Desnyanskyi”, niko avuga.

Kuleba avuga ko ibirwanisho bikoreshwa ari amadrone yo mu bwoko bwa Shahed ya Irani, kandi ko bitera “ibibanza bikomakomeye”.

Ati: "Ikintu nyamukuru ni uko mutekana kandi mukaguma mu mazu yanyu gushika inzamba zo kugabisha zihagaze”.

Ni inyuma y’urukurikirane rw’ibitero vyakozwe buca ari umwaka mushasha, vyahitanye nibura umuntu umwe i Kyiv.

Kuba mu mezi atari make, Uburusiya bubandanya butera ibigo ntanganguvu vya Ukraine aho bisambura ibibanza vy’umuyagankuba bigata amamiriyoni mu kizime muri kino gihe c’ubukonje busadanzwe muri ico gihugu.