Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Putin: 'Reka kuzezeta' - abwira umushikiranganji wiwe
Umukuru w’Uburusiya Vladimir Putin ubundi n’umuntu aterekana ko arakaye ariko mu nama ya mbere yo mu 2023 n’abashikiranganji biwe, vyanse ko yigumya akarira icese umushikiranganji wiwe ajejwe ubudandaji n’amahinguriro.
Mu kiringo c’iminota itari mike, yagirije Denis Manturov gutevya ibintu mu kugura indege zisanzwe hamwe n’iza gisirikare.
‘’Vyatevye cane, biriko birateba cane’’ niko umukuru w’Uburusiya yavuze, mu gihe mu bisanzwe atahora anegura abagetsi bakuru icese.
‘’Uracazezeta mu biki? Amasezerano [y’ubuguzi, contrats] azosinywa ryari?’’
Iyo nama ya mbere y’abashikiranganji yabaye umunsi nyene umukuru w’igihugu prezida Putin yasubiriza umugaba mukuru w’ingabo muri Ukraine haheze amezi atatu yonyene agenywe muri ayo mabanga.
Gen Sergei Surovikin yari yagenywe muri Gitugutu (10) mu gihe Uburisiya bwari bumaze igihe butakaza ahatari hake ku rugamba mu gitero bwagavye kuri Ukraine ariko biramunanira guhindukiza uruhigi.
Mu yandi masanamu yerekanywe ku mboneshakure y’Uburusiya aho Putin agaragara ku buryo bwa video ashimagiza abashikiranganji biwe ingene bitwaye ku kibazo c’ubutunzi, prezida Putin aciramwo kenshi Munturov, igihe uwo mushikiranganji yariko arasigura integuro zo kugura indege, kajugujugu n’ubwato.
‘’Izo ndege 700, harimwo kajugujugu […] utegerezwa gukura mu nzira ico kibazo hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi […] ama kompanyi menshi ntararonka komande’’, nk’uko yidoze.
Manturov n’umwe mu bashikiranganji bagumye muri reta ya Putin kuva mu 2012, kandi yajanye kenshi n’umukuru w’igihugu mu ngendo zo hanze no mu gihugu.
Yashinzwe inganda z’ibigwanisho z’Uburusiya mu ci riheze igihe ubukene bw’ibigwanisho bwari butanguye kwigaragaza ku rugamba.
Ariko arasigura ko ubushikiranganji bwiwe bwatanguye gukora imoteri za kajugujugu zahora zikorerwa muri Ukraine, umukuru w’igihugu yaciye amuciramwo avuga ko ivyo vyose biriko birateba cane.
Kugira kubandanya amaramazwa icese bihagarare, umushikiranganji yaciye yemera ko ubushikiranganji bwiwe buzokora uko bushoboye kwose n’abo basanzwe bakorana mu vy’ubutunzi.
Ariko ivyo vyagaragaye nk’ibidahagije kuri uwo mukuru w’igihugu yaguma arushiriza kwikumagura.
‘’Oya bikore mu kwezi kumwe. Wewe ntubona ibihe turimwo? Bikeneye gukorwa mu kwezi kumwe, kutarenga.’’
Ivyo vyibukije ikindi gihe hasigaye iminsi itatu ngo intambara itangure, aho prezida Putin yategeka abakuru bajejwe umutekano kuvuga niba Uburusiya bwokwemera intara zibiri zari zigaruriwe muri Ukraine y’ubuseruko nk’izigenga.
Mu gihe umwe mu bamwegereye cane, uwujejwe iperereza ryo hanze Sergei Naryshkin, yavuga agonanwa ko ibihugu vy’iburengerazuba bifitaniye imigenderanire n’Uburusiya vyohabwa amahirwe ya nyuma, prezida Putin yaciye atangura kumusambisha.
Naryshkin yaradidinganije yitsibanya mu majambo akatari gake imbere y’uko avuga ko azoshigikira ko izo ntara zigaruriwe zinjizwa muri Reta z’Uburusiya.
N’ubwo prezida Putin yari yavuze ko kugira izo ntara iz'Uburusiya bitari mu migambi yiwe, haheze amezi ivyo nivyo yahavuye atangaza.