Russia mu mafoto: umutekano wakomejwe i Moscou na St Petersburg

Wagner

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe

Umutekano mu Burusiya wakomejwe mu rwego rwo kurwanya iterabwoba.

Ni inyuma y’aho abarwanyi b’umuhari w’abacangero wa Wagner utangarije ko wigaruriye ibibanza nyamukuru vya gisirikare mu gisagara ca Rostov-on-Don mu bumanuko bw’igihugu.

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya caronse amakuru avuga ko Wagner yigaruriye kandi ibigo vya gisirikare mu gisagara ca Voronezh kiri hagati ya Rostov n’umugwa mukuru Moscou.

Ng’aya amwe mu mafoto yerekana ingene umutekano wakomejwe:

Uwujejwe umutekano yarikanuye kuri bariyeri hanze ya Moscou

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwujejwe umutekano yarikanuye kuri bariyeri hanze ya Moscou
Abajejwe umutekano bari kw'irondo mu mabarabara ya Moscou

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano bari kw'irondo mu mabarabara ya Moscou
Igipolisi kiracungereye amayira yinjira mu kibanza c'imisi mikuru, kizwi nka Place Rouce/Red Square i Moscou

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kiracungereye amayira yinjira mu kibanza c'imisi mikuru, kizwi nka Place Rouce/Red Square i Moscou
Muri St Petersburg, abasirikare baguma bacunze icicaro c'umurwi Wagner kivugwa ko catewe uno musi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri St Petersburg, abasirikare baguma bacunze icicaro c'umurwi Wagner kivugwa ko catewe uno musi