DRC-M23: Uhuru Kenyatta asaba EAC kurungika vyihuta ingabo z’akarere

Ahavuye isanamu, @4thPresidentKE
Umuhuza mu biganiro vy’amahoro muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo asaba ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko kunyarutsa bikarungika vuba bwango ingabo z’akarere mu buseruko bw’iki gihugu gihanzwe n’intambara.
Uhuru Kenyatta yahoze ari umukuru w’igihugu ca Kenya akaba yagenywe n’uyu muryango kugira ngo ahagararire ibiganiro vya Nairobi avuga ko ari ngombwa kurungika izindi ngabo kugira ngo zihagarare mu turere inyeshamba zavuyemwo, nk’uko biri mu masezerano ya Luanda.
Perezida Kenyatta avuga ko atewe impungenge n’ukungene umutekano ubandanya uhungabana mu ntara ya Kivu ya Ruguru aho inyeshamba za M23 n’ingabo za reta zibandanya zitana mu mitwe.
Uganda na Sudani y’Epfo bitegekanya kurungika ingabo inyuma y’aho iza Kenya n’iz’Uburundi zishikiye mu buseruko bwa Congo mu mwaka uheze mu ntumbero yo gufasha guhagarika izi ndyane zimaze imyaka mirongo muri ako karere.
Kenyatta arashima akamo gaherutse guterwa n’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko yabereye i Bujumbura mu Burundi ku wa gatandatu uheze, aho basavye impande zompi gushira ibirwanisho hasi.
Hagati aho, intambara zirabandanya mu duce dutandukanye tw’intara ya Kivu ya Ruguru, ejo ku wa kane zikaba zari zikomeye mu micungararo y’akarere ka Sake kari ku birometero cumi uvuye ku mugwa mukuru w’iyi ntara, Goma.
Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa kane, umuhuza avuga ko agiye gushira inguvu biganiro bigira kane i Nairobi mu guhamagarira akarere n’amakungu gufasha kugira ngo umubonano ushoboke.
Asaba impande zose zibifisemwo uruhara kwihutisha ishirwa mu ngiro ry’imyanzuro y’ibiganiro bigira gatatu vya Nairobi.
Asaba kandi amashirahamwe y’abagiraneza gufasha abanyagihugu barenga igice c’umuriyoni bataye izabo kubera iyi ntambara mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Iyi ntambara yaratumye imigenderanire hagati ya Congo n’igihugu kibanyi c’Urwanda itosekara, aho reta ya Kinshasa yagiria Kigali gufasha M23, ivyo abarongoye M23 hamwe n’abategetsi b’Urwanda bamye kandi babandanya bamirira kure.









