DRC: Umunyamabanga wa ONU ariyamiriza iyicwa ry'umusirikare wa MONUSCO

kAJUGUJUGU

Ahavuye isanamu, MONUSCO

Yatangajwe

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariyamiriza yivuye inyuma igitero kuri kajugujugu y’ingabo z’iri shirahamwe zarungitswe kugarukana amahoro muri Congo, MONUSCO, ejo ku wa Mungu, kigahitana umudereva wayo, mugenziwe nawe agakomereka.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi wiwe, iyi kajugujugu yarashwe igihe yariko iva i Beni ija i Goma mu ntara ya Kivu ya Ruguru, maze umudereva wayo ava muri Afrika y’Epfo arapfa, ariko iyi ndege ikaba yarashoboye gutura i Goma.

MONUSCO imaze imyaka irenga 20 ariko gushika ubu ntaco yashoboye gushikako mu bijanye no guhagarika intambara zimaze imyaka n’iyindi mu buseruko bwa Congo. Abanyagihugu batari bake ba Congo babona ko izi ngabo ataco zimaze.

Mw’iri tangazo, umunyamabanga mukuru yibutsa ko “gutera ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro bishobora kuba icaha co mu ntambara nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu”.

Atera akamo abategetsi ba Congo gukora amatohoza kuri iki gitero bakarengutsa abagikoze imbere y’ubutungane.

Abandanya avuga ko “ishirahamwe ONU rizobandanya gufata mu mugongo reta n’abanyagihugu ba Congo mu twigoro twabo two kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Congo”.

Umusirikare yishwe muri kino gitero kuri kajugujugu Oryx akomoka muri Afrika y’Epfo, nk’uko itangazo ry’igisirikare c’iki gihugu (SANDF) ribivuga.

Ntibiramenyekana abakoze iki gitero n’aho cabereye neza na neza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Si bwo bwa mbere ingabo za MONUSCO muri ico gihugu zihangarwa.

Mu kw’indwi umwaka uheze, haradutse imigumuko mu gisagara ca Goma yo kwiyamiriza MONUSCO yarimwo guturira no gusahura ibigo vyayo, imyiyerekano yabayemwo abababa 20 bahasize ubuzima.

Mu ntango z’ukw’icumi na rimwe, imodoka zayo zibiri zaraturiwe n’abanyagihugu b’ahitwa Kanyarucyinya ku birometero bidashika cumi mu buraruko bwa Goma, igihe uruhererekane rw’imodoka za MONUSCO rwaterwa n’abanyagihugu batewe n’uburakari.

Mu mpera z’uko kwezi nyene, haravuzwe kandi igitero cakozwe ku kirindiro c’ingabo zayo mu karere ka Minembwe kari mu ntara ya Kivu y’Epfo, igitero kivugwa ko cakozwe n’inyeshamba zo mu murwi w’inyeshamba, Twirwaneho.

Iki gitero kibaye mu gihe mu gisagara ca Goma imyiyerekano ibandanya yo kwiyamiriza M23 no gusaba ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kurwanya uyu muhari w’inyeshamba.

Iyi myiyerekano yatanguye ku wa gatanu, irabandanya no ku wa gatandatu, ku wa Mungu, gushika n’uno musi.

Ni mu gihe kandi havugwa intambara mu turere twa Karenga na Ruvunda, imisi ibiri gusa inyuma y’aho inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yabereye i Bujumbura mu Burundi ku wa gatandatu isabiye impande zompi guhagarika intambara.

BBC iracagerageza kurondera impande zompi kugira imenye ingene ibintu yifashe.