UK: Boris Johnson ashobora gusubira kwitoza kuba umushikiranganji wa mbere?

Ahavuye isanamu, Reuters
Boris Johnson na Rishi Sunak bagiriraniye ibiganiro mu gihe ikiringo co kwitoza mu kibanza co gusubirira umushikiranganji wa mbere Liz Truss cimirije kurangira.
Abantu babiri batandukanye babwiye BBC ko iyo nama yabaye, ari ko nta n'umwe muri abo babiri yavuze icavugiwemwo.
Rishi Sunak abandanya atera intambwe mu kurondera amajwi, ubu ashigikiwe n'abashingamateka 128 bo mu mpande zose mu mugambwe wiwe, harimwo n'abahoze bashigikiye Johnson.
Johnson aza mu kibanza ca kabiri, aho afise abamuri inyuma 53 ukurikije ibiharuro vya BBC.
Ariko abamufasha mu myiyamamazo bavuga ko afise abashingamateka 100 - igitigiri gisabwa kugira ngo uje mu bahiganwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abashigikiye Sunak berekanye amakenga kuri ico gitigiri, baca bahamagarira uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere gutanga ivyemezo.
Penny Mordaunt ni wenyene amaze kumenyesha ku mugaragaro ko azitoza, ariko ari inyuma cane n'igitigiri gito c'abashingamateka 23 bamushigikiye.
BBC irafise igitigiri c'abashingamateka bamaze kwerekana abo bashigikiye.
Ku bashingamateka 357 b'aba conservateurs, abashika 204 birazwi aho bahagaze, kandi BBC yarabigenzuye, hakaba hasigaye ko abandi bavuga aho begamiye.
Icizere n'ico gushika ku wa mbere isaha 14:00BST kugira umuntu aronke igitigiri gikwiye c'abamushigikiye kugira yinjire mw'ihiganwa, bikazotuma aja mu gice gikurikira c'ihiganwa.
Mu gihe abashingamateka bose boja inyuma y'umukandida umwe, hashobora kuboneka umushikiranganji wa mbere mushasha ku wa mbere inyuma y'umutaga.
Ariko bitabaye ivyo, hazoba amatora ku mbuga hwaniro y'abayoboke bose b'umugambwe w'aba conservateurs, ivyayavuyemwo bikazomenyekana ku musi wa gatanu.
Ibiharuro vyo kugereranya vyerekana ko Johnson, yagarutse avuye mu karuhuko mu mazinga ya Caraïbes kugira yihweze ico yokora, yoba aza imbere mu kwegeranya amajwi menshi y'abanywanyi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku musi wa gatandatu wose, abashingamateka bawumaze bamenyesha ku mugaragaro uwo bashigikiye muri ayo matora.
Sunak yashigikiwe n'abashingamateka bavuye mu bice vyose vy'umugambwe wiwe, harimwo n'abantu bamenyekana cane nk'uwahoze ari umuyobozi mwishikira wa Johnson, Steve Barclay, uwahoze ari umushikiranganji wiwe wa Brexit, Lord Frost, Kemi Badenoch umunyamabanga nwa reta ajejwe ubudandaji mpuzamakungu hamwe n'umushikiranganji wa Irlande yo mu buraruko, Steve Baker.
Baker - umushingamateka avuga rikijana - yavuze ko Johnson koba ari " akaga" vy'umwihariko yerekana amakenga ku matohoza akibandanya mu nama nshingamateka yo kumenya nimba uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yoba yarabeshe kuverekeye kurenga amabwirizwa yo kwikingira Covid.










