Intambara ya Ukraine: Umuntu umwe yiciwe mu bitero vy'Uburusiya mu gisagara ca Odesa

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuntu umwe yishwe abandi 19 barakomerekera mu bitero vya misile vy'Uburusiya ku gisagara co ku kivuko ca Odesa, nk'uko bimenyeshwa n'abategetsi.
Oleh Kiper, umukuru w'akarere yavuze ko abantu 14 bari mu bitaro, harimwo abana bane.
Isengero rya 'Transfiguration Cathedral' na ryo ryononywe n'ivyo bitero nk'uko bivugwa n'abajenama b'ico gisagara.
Uburusiya buguma bugira ibitero vy'urutavanako kuri Odesa kuva bwivanye mu masezerano yo gushora intete.
Kuri telegram, Kiper yagize ati:"Odesa: ikindi gitero c'ijoro kigizwe n'inyamaswa."
Yongeyeko ko amagorofa atandatu abamwo abantu yasambuwe n'ivyo bitero.
Ubutegetsi bwa gisirikare bw'igisagara ca Odesa buvuga ko isengero rya 'Transfiguration Cathedral' ry'ishengero ry'aba Ortodoxe bo muri Ukraine bafitaniye ubucuti na Moscou na yo nyene yononekaye cane.
Iyo nyubakwa ni ryo sengero rinini ry'aba Orthodoxe i Odesa ikaba ari iyo mu 1809. Yari yarasambuwe n'Ubumwe bw'aba Soviet mu 1939 imbere y'uko isubira kubakwa mu 2003.
Muri video yashizwe ku mbuga hwaniro n'anama karongoye ico gisagara, umukuru w'ico gisagara Gennadiy Trukhanov aboneka ariko aratambuka mu bihomoke imbere muri iyo sengero.
Izindi video zashizwe ku mbuga hwaniro zerekana umugabo ari muri iyo sengero agenda arivugana:"Isengero ntikibaho... Mana yanje, gira imbabazi."
BBC ntavyashobotse ko ishoka ihinyuza ukuri kuri iryo samburwa canke izo video.
Ishami rya Onu rijejwe imico n'akaranga, UNESCO, ryagumye rihamagarira Uburusiya guhagarika ibitero ku gisagara ca Odesa. Hagati y'ico gisagara hemejwe na UNESCO nk'ubutunzi kama mpuzamakungu buriko burazimangana, n'aho Uburusiya bwari bwavyanse.










