Intambara ya Ukraine yatumye umuhungu wanje yipfuza kuba umusoda - Zelenska

Zelenska
Insiguro y'isanamu, 'Ndasaba ibigwanisho' - umugore wa prezida wa Ukraine, Zelenska ariko arashikiriza ijambo inama nshingamateka ya Amerika
Yatangajwe

Umugore w'umukuru w'igihugu ca Ukraine, Olena Zelenska yavuze ko ingwano yo muri Ukraine yatumye umwana wiwe w'umuhungu w'imyaka icenda yipfuza kuba umusirikare.

Mu kiganiro kuri NBC, Zelenska yavuze ko ubu ikintu gusa umuhungu wiwe ashaka gukora ari "kwiga kugwana n'imbokoboko hamwe no kwiga inkoho".

Yongeyeko ko yizeye ko ubwana bw'umuhungu wiwe 'azobusubizwa'.

Zelenska umugore wa prezida Volodymyr Zelensky yari mu rugendo muri Amerika, aho yateye akamo ko kuronswa ibindi bigwanisho vyinshi muri Ukraine.

Avuga ku ngaruka intambara y'Uburusiya imaze amezi atanu, imaze kugira ku muhungu wiwe, yagize ati:"Imbere y'intambara, umuhungu wanje yakunda intambo zitandukanye. Yaravuza piano. Yariga icongereza.

"Ariko kubera ibitero vy'Uburusiya "nta nkeka yipfuza kuba umusirikare. Ntibikunda ko ndamugarukana muvyo gukunda intambo n'indimi hamwe no muvyo gufasha.

"Ivyo ni vyo ntegerezwa kugwanira ko umuhungu wanje asubizwa, kandi akanezerwa n'ubuzima bwiwe mu buryo bwose."

Zelenska, afise n'uwundi mwana w'imyaka 18 yitwa Oleksandra n'ingene abana n'abavyeyi bamerewe mu rugendo rwiwe arimwo muri Amerika.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ijambo ry'iminota 15 yashikirije mu nama nshingamateka ya Amerika kuri uyu wa gatatu, yarerekanye amafoto na video vy'abana b'abanye Ukraine bishwe canke bakomekeye mu ntambara.

Kw'ifoto imwe, hari umwana w'imyaka ine, Liza Dmytriyeva, yiciwe mu gitero c'indege mu gisagara ca Vinnytsia kiri hagati hashira uburengero bw'ico gihugu.

Mw'ijambo ryiwe, yagize ati:"Twipfuza ko buri muvyeyi ashobora kubwira abana biwe, 'Genda kuryama mu mahoro. Nta bitero vy'indege bizosubira, nta n'ibitero vya misile.' Ibi n'ibintu bigoye kwipfuza?"

"Ariko kubwo imana mbi, intambara ntirarangira, iterabwoba rirabandanya."

Asaba ibindi bigwanisho n'uburyo bwo kwikingira ibitero vy'indege, yagize ati:"Ndasaba ibigwanisho. Ibigwanisho bitagenewe gutera intambara ku butaka bw'uwundi muntu, ariko kugira akingire inzu yiwe, n'uburenganzira bwo kuvyuka muri iyo nzu agihema."

Benshi mu bagize inama nshingamateka barashigikiye cane ubufasha Ukraine muvyo umutekano, bakaba bamaze gutanga ibiciye imiriyaridi 8 z'amadolari.

Muri urwo rugendo rwiwe muri Amerika, Zelenska - aherutse gutangura kurangura amabanga y'igihugu ku mu misi iheze - yarabonanye kandi na prezida Joe Biden, umugore wiwe Jill Biden hamwe n'umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Antony Blinken.