Japan ivuga ko Russia yapfunze umuserukizi wayo muri Vladivostok

Yatangajwe

Ubuyapani bwagirije inzego z’Uburusiya zijejwe umutekano ko zaboshe igitambara mu maso abakozi bayo bo mu biro vy’ubuserukizi zongera zirabapfunga mu gisagara ca Vladivostok kiri mu buseruko.

Motoki Tatsunori aserukira ico gihugu muri ico gisagara, yarekuwe kuri uno wa kabiri, inyuma yo gupfungwa yagirizwa kwabura – aca ahabwa amasaha 48 yo kuva mu Burusiya.

Moscou ivuga ko yahawe amakuru y’ibanga ku bijanye n’imigenderanire n’igihugu co ku mugabane wa Aziya itavuze izina.

Ubuyapani burahakana ivyo yagirizwa bugasaba iki gihugu gusaba imbabazi ku mugaragaro.  

Igisata c’Uburusiya kijejwe igendereza FSB kivuga ko capfunze Tatsunori ku wa mbere inyuma y’aho afatiwe ariko arondera amakuru ajanye “n’ingaruka z’ibihano vy’ibihugu vy’uburengero”  kuri Moscou inyuma y’aho itereye Ukraine muri Ruhuhuma/Gashyantare  (ukwezi kwakabiri).

Iki gisata casohoye itangazo kivuga kiti: "Umuyapani akora mu buserukizi yarapfunzwe afatanywe itonga ariko ahabwa amakuru akiri mw’ibanga ku mafaranga, ku vyerekeye imigenderanire y’Uburusiya n’ikindi gihugu kiri mu karere ka Aziya na Pasific”.

Ariko Ubuyapani buvuga ko ipfungwa ry’umuserukizi wabwo ku mvo za poritike ryahonyanze amasezerano ya Vienne ku bijanye n’imigenderanire kandi ryakozwe “hakoreshejwe iterabwoba”.

Umunyamabanga mukuru wa reta, Hirokazu Matsuno , yabwiye abanyamakuru ati: "Uyu mutegetsi yaboshwe igitambara mu maso, bamukandamiza amaboko n’umutwe ku buryo atashoboye no kwinyiganyiza igihe yari apfunzwe, yongera kandi abazwa ibibazo akankamirwa”.   

Avuga ko Ubuyapani “bwiyamirije bwivuye inyuma ibi bikorwa bigayitse” aca yemeza ko uyu mutegetsi wo mu buserukizi azova mu Burusiya hatarenze ku wa gatatu inyuma y’aho yirukaniwe.

Ubuyapani buteye kubiri n'igitero c’Uburusiya kuri Ukraine kandi bufatrwa nk'umwansi n'Uburusiya – co kimwe na Amerika, Ubwongereza n’ibindi bihugu bishigikiye Ukraine.